Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahamagariwe gucandagisha abana mw’isekeza ryo kuva ku wa 15 gushika ku wa 19 Rusama 2017

cdfxKw’igenekerezo rya 10 Rusama 2017, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, bubicishije mu mugambi w’igihugu ujejwe gucandaga bwaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubashikiriza ibikorwa bariko baratunganya vyo gutegura isekeza ryo gucandaga abana bafise kuva ku mezi 9 gushika ku bari munsi y’imyaka 15 bakazobakingira indwara y’agasama yahoraho n’iyindi nshasha yitwa rubéole. Urwo rucanco rukazohabwa abana bo mu gihugu cose kuva igenekerezo rya 15 gushika kw’igenekerezo rya 19 Rusama 2017. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi w’umugambi wo gucandaga Olivier Nijimbere muri iyo nama. Mu gihe c’iyo nama yamenyesheje ko biyumviriye kwongeramwo urwo rucanco kugira bongereze inguvu ku zari zimaze gutangwa kuko basanze iyo ndwara ya “Rubéole” ihitana abantu batabizi kuko ari indwara ikomeye kandi yandukira. Abavyeyi bibungenze barashobora kuyanduza abana bari mu mbanyi batazi ko bayifise abo bana bagaheza bakagira ingaruka mbi nko kuvukana ubumuga butandukanye. Urwo rucanco ngo ntiruje gukura izahahora ndetse n’abana basanzwe bararonkejwe izindi ncanco bazoruronswa kandi kuko ataco rwonona ahubwo ruje kwongerereza inguvu izo zahahora. Abakora mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu rero ngo bararonkejwe inyigisho zikwiye kugira ico gikorwa kizogende neza eka n’abajejwe intwaro barigishijwe kugira bazobimenyeshe abo barongoye. Urwo rucanco ruzotangirwa ku mavuriro mato mato,ku bindi bibanza bisanzwe bimenyerewe hamwe no ku mashure. Olivier Nijimbere yarangije asaba abamenyeshamakuru ko bobafasha kubimenyesha abo vyega bose bagakura n’ibihuha mu banyagihugu vyotuma abavyeyi bareka kujana abana babo aho bazo candagira. Yaciye aboneraho akanya ko gutera akamo abavyeyi bose ko hatogira n’umwe asigara inyuma kuko bazoba bakingiye abana bariho n’abazovuka mu nyuma.

Josélyne Ndayegamiye 

Ouvrir