Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CNDI warashikirije Umukuru w’igihugu icegeranyo c’ivyo washitseko

C nhCnwXgAAt JxKw’igenekerezo rya 12 Rusama 2017 Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarakiriye abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro vyo guhuza abarundi CNDI, bari barongowe na Musenyeri Justin Nzoyisaba bakaba bari baje kumushikiriza icegeranyo c’ivyo uwo murwi washitseko mu ntumbero yo kumumenyesha ivyo abarundi bifuza n’ivyo basavye. Inyuma y’uwo mubonano, umukuru w’uwo murwi Musenyeri Justin Nzoyisaba akaba yabwiye abamenyeshamakuru ko ico cegeranyo ari icanyuma c’ivyo baranguye kuva ku wa 23 Gitugutu 2015. Nk’uko Musenyeri Justin Nzoyisaba, yabandanije abimenyesha ngo ibikuru bikuru biri muri ico cegeranyo ahanini vyerekeye Ibwirizwa Shingiro, amabwirizwa, ubutunzi n’iterambere, gukunda igihugu na demokarasi hamwe n’agateka ka zina muntu. Ibindi vyiyumviro vy’abo banyagihugu ngo bikaba ari ivyerekeye ubuzima bwa minsi yose nko kurwanya ubukene n’ubushomeri ndetse no kwubahiriza umutekano wa bose. Yaciye kandi amenyesha ko baciye bagirako baramushikiriza ivyiyumviro canke ivyo bashikiriza bamaze kubona ivyo abanyagihugu bashikirije. Ku vyerekeye Ibwirizwa Shingiro abanyagihugu ngo basavye yuko hatoba ibiringo , abandi nabo ngo bakaba basavye ko vyogumaho.Ngo hari n’ibindi bagiye baravuga ko Ibwirizwa Shingiro rikwiye gusubirwamwo rigahinyanyurwa. Mu mabwirizwa barasavye ko ubutungane bwokwigenga hanyuma hakabaho guhana abakoze amakosa bicanye mu myaka iheze. Ikindi bamenyesheje ngo ni uko imigambwe yoba mike .

Christine Manirambona

Ouvrir