Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiganiro hagati y’abarundi ngo vyorangira vuba kugira abanyeporitike bitegurire amatora yo mu 2020

DSC05238Mu gihe himirije kuba inama y’abakuru b’ibihugu n’amareta bo mu karere k’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC) ikinyamakuru UBUMWE caraganiriye n’umukuru w’umugambwe w’abadasigana UPRONA Abel Gashatsi hamwe n’umukuru w’umugambwe Radebu Jean de Dieu Mutabazi ku wa 11 Rusama 2017 kugira baganire abasomyi b’ikinyamakuru ico biteze ku nama yimirije kubahuza. Aho ngo ni mu gihe izoba iramutse yihweza ibibazo vya poritike mu Burundi naho izoba yihweza n’ibindi bibazo. Umukuru w’umugambwe w’abadasigana UPRONA Abel Gashatsi ku ruhande rwiwe amenyesha ko iyo nama isanzwe kuko iri mu zitegekanijwe n’amategeko agenga uwo muryango kuko ariho higirwa ibibazo vyo mu bihugu bigize uwo muryango n’Uburundi burimwo. Muri iyo nama rero ngo bazoheza bige ibibazo vyo mu Burundi, muri uwo mugambwe bakaba bipfuza ko yogira ico ifashije kugira ibiganiro bimaze iminsi bibera mu gihugu n’i Arusha bishobore gutora inyishu irama. Ku bwiwe rero ngo ivyo biganiro vyorangira vuba kugira abanyeporitike ntibagume babihanze amaso ahubwo babone ko bariko baja mu nzira y’amatora yo mu mwaka w’2020. Niko kumenyesha ko umwanya wo kwitegurira ayo matora uriko uragenda narirya umwaka w’2017 ugeze hagati kandi kwitegurira amatora nyezina ari mu mwaka w’2019. Amenyesha ko batoguma muri zuguruzuguru bavuga inama z’abakuru b’ibihugu, ibiganiro aha na hariya ; ivyo ngo vyorangira kugira bategure amatora yo mu mwaka w’2020.

Abakuru b’ibihugu vyo mu karere ngo bofasha kugira imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ibe myiza

Ku vy’imigambwe yasavye ko Umukuru w’igihugu c’Urwanda atogira ico ashikirije muri iyo nama , mu mugambwe UPRONA ngo babona ko atogira ico ashikirije ku bibazo vy’Uburundi baravye ko naco coba kibifisemwo uruhara. Uburundi bwagiriza Urwanda gufasha ababutera, kuba ico gihugu carahaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi bigatuma haba icuka kibi hagati y’ivyo bihugu. Ngo mu gihe impande zibiri zinubana ico uruhande rwose rwoshikiriza intererano iba nziza canke mbi ntiyokwakirwa neza; vyiza rero ngo ni uko uwurongoye igihugu c’Urwanda yobangira ntagire ico ashikiriza. Amenyesha ko yokwitaba iyo nama kuko ari inama y’akarere atari iyerekeye Uburundi gusa. Mu mugambwe UPRONA basaba abandi bakuru b’ibihugu gukora ibishoboka vyose kugira imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi isubire kuba myiza. Ivyo bihugu ngo bisangiye kahise kagomba gusa, bivuga hafi ururimi rumwe mbere no gutandukanya umurundi n’umunyarwanda usanga bigoye. Noneho ngo hari icuka kibi kiri hagati y’ivyo bihugu abanyagihugu batobato nibo bahagirira ingorane. Binashobotse ngo abo bakuru b’ibihugu bandi bokwumviriza impande zompi kugira bagire ico bahanuye. Ku vyerekeye ibiganiro bibera, i Arusha bisa n’ivyikwega yamenyesheje ko ababitunganya bafitiye ubuhinga. Amenyesha ko abanyamigambwe bari mu gihugu hamwe n’abari hanze bishuye ku bibazo babajijwe. Yarongeye amenyesha intumwa z’umuhuza zaje aha mu gihugu mu ntumbero yo kwumviriza abahora bidoga ko batatumiwe. Aravye ukungene ibiganiro biriko biragenda rero ngo ntiyovuga ko vyacerewe ariko abona ko vyari bigeze kurangira kuko atabona icoba gisigaye. Amenyesha kandi ko hari hageze gushira imbere ivyoganirwa mu ntumbero yo gutunganya amatora yo mu mwaka w’2020. Kugira abe, naho ngo hari ivyotegerezwa gukorwa nko gushiraho umurwi utunganya amatora CENI wumvikanyweko na bose, amategeko agenga amatora n’ibindi bisabwa. Ngo barizeye rero ko mu minsi iza bazoheza bagasohora icegeranyo gisozera ivyo biganiro cokorerwako n’impande zose kugira ivyo gutegura amatora bibandanye. Amenyesha kandi ko ata murwi w’abarundi n’umwe utotumirwa, aho ni mu gihe umurwi w’abakenyezi bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye bamenyesheje ko badaserukiwe bikwiye muri ivyo biganiro. Uwo wese afise ico yoterera mu biganiro bizozanira Uburundi umuti urama yokwumvirizwa kugira ntibizobe inyendamuvano ya ndyogo.

Abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa EAC bofasha kugira ibiganiro bibera i Arusha vyungururizwe mu Burundi

Ikinyamakuru UBUMWE caraganiriye kandi n’umukuru w’umugambwe RADEBU Jean de Dieu Mutabazi aho amenyesha ko biteze ko iyo nama y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC yokwubahiriza ingingo z’ 2248 n’ 2279 zafashwe n’inama ijejwe umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Ivyo navyo ngo biri muvyo inama yahuje imigambwe yemewe n’amategko, abigenga hamwe n’inani z’imigambwe nka COPA, Cenared hamwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, yose hamwe ikaba yari 28, yiyemeje ku wa 20 Ndamukiza 2017 i Gitega. Bisubiye ngo abo bakuru b’ibihugu bakwiye gukora uko bashoboye kugira ibiganiro bibera i Arusha vyungururizwe mu Burundi kugira n’abashaka gutembagaza ubutegitsi batumiwe muri ivyo biganiro baseruke. Ngo bofasha kandi kugira abashatse gutembagaza ubutegetsi bari muri ivyo bihugu bafatwe kugira bacirwe imanza na sentare. Yamenyesheje kandi ko umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa yokwemanga imbere y’abakuru b’ibihugu vya EAC ijambo yashikirije igihe yagendera Uburundi ku wa 9 Kigarama 2016 mu ntumbero yo kwemanga gutsimbataza ubwigenge bw’igihugu n’umutekano waco. Abakuru b’ibihugu kandi ngo bokwihweza ibirego Uburundi bwatanze ku gihugu c’Urwanda mu ntumbero yo gukuraho amatati hagati y’ivyo bihugu. Abo bakuru b’ibihugu ngo bomenyeshwa kandi ko umugambi wo guhinyanyura Ibwirzwa Shingiro utazohagarara kandi utazosubira inyuma. Yarongeye amenyesha ko abo bakuru b’ibihugu batoha ijambo Umukuru w’igihugu c’Urwanda kuko ico gifise uruhara mu ngorane z’Uburundi gutyo akaba atoba umucamanza ngo yongere abe umuburanyi .

Epitace Nduwayo

Ouvrir