Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarondera guhinduza impapuro zitiganwa zo kugendesha imiduga basabwa kubanguka bakirinda ingingo zivyerekeye

C9SK4SVWsAA0TApIkiringo co gutanga impusha zidasubirwamwo zo kugendesha imodoka cari gitegekanijwe kurangira kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2017 ariko barabandanya bazitanga ukuri kwamye, imirongo miremire iracibonekeza imbere y’igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara (PSR) kuko basanze abategerezwa kuzironswa bakiri benshi kuko hari abagera ku 10500 biyandikishije ariko batarashikirwa kandi baguma biyongera ku bwinshi. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’igipolisi , Petero Nkurikiye mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 8 Rusama 2017. Yamenyesheje ko ico gikorwa catevye bivuye ku bwinshi bw’abantu n’ukuntu ibikoresho vyari bike ariko ubu bakaba barongereje imashini 8 hamwe n’aho barihira amahera barongeyeko ibibanza. Ubu rero hari icizere ko bigiye kunyaruka .Ikindi naco ni uko coba catumye imirongo iguma ari miremire ni uko ibikorwa vyari bitegekanijwe gukorerwa mu ntara zimwe zimwe z’akarorero vyatevye gatoya ariko bigiye kuja mu ngiro mu minsi mike kugira abasanzwe baba hagati mu gihugu ntibarinde gushika mu gisagara ca Bujumbura gutonda umurongo kuri PSR.Yamenyesheje ko babangiriye ku bijanye no kongereza ikiringo co gutanga izo mpusha canke gufatira ibihano abakigendesha impusha za kera.Ariko n’aho biri uko ngo abagifise impusha za kera ntibobandanya bakwega amaguru mu kuja guhinduza kuko bazohava basanga bibateye ingorane mu gihe ibihano bizofatwa. Yaciye yongera amenyesha ko abahendwa bakaja kugura izo mpusha za magendo bariko barabasesaguza kuko ivyuma vyo kuzipima bihari n’ikimenyamenya hari izimaze gufatwa.Yarangije ikiganiro atera akamo abagifise impusha za kera ko bozihinduza vuba bwango kugira bareke gutesha umwanya abantu canke bazosange bafatiwe ibihano.

Josélyne Ndayegamiye                                                                               

 

Ouvrir