Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigenderanire mu rwego rw’igisirikare hagati y’Uburundi n’amakungu ngo yifashe neza

dfsgImigenderanire hagati y’Uburundi n’iy’ibihugu bifise ababiserukira mu bijanye n’igisirikare ngo yifashe neza. Ivyo navyo ngo bikabonekera ku banyeshure barungikwa n’urwego rw’igisirikare gukurikirana ivyigwa muri ivyo bihugu hamwe n’abo muri ivyo bihugu baza gukurikirana ivyigwa mu Burundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, koroneri Gaspard Baratuza, ku wa 10 Rusama 2017, inyuma y’aho hari hahejeje kwugururwa ibikorwa vy’inama yatunganijwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, inama yamaze iminsi ibiri yo kurabira hamwe aho ibijanye no gufashanya muri urwo rwego bigeze muri kino gihe. Nk’uko umuvugizi w’igisirikare, koroneri Gaspard Baratuza yabandanije abishikiriza, ngo iyo nama y’iminsi ibiri ngo yari iyo kumenyesha abaserukira ibihugu vyabo mu bijanye n’igisirikare uko imigenderanire yifashe. Iyo migenderanire nayo ngo yifashe neza muri rusangi kuko ngo hari abanyeshure bagenda muri ivyo bihugu gukurikirana ivyigwa, nabo muri ivyo bihugu nyene bakaza ngaha mu Burundi, kugira ngo bungurane ubumenyi. Vyongeye, ngo ico gikorwa co gukoranya abo baserukira ibihugu vyabo mu bijanye n’igisirikare inyuma y’ikiringo c’amezi atatu canke atandatu ngo kiri mu ntumbero ubushikiranganji bwihaye kugira baze barahanahana ivyiyumviro mu ntumbero yo gukomeza iyo migenderanire. Muri iyo nama y’iminsi ibiri, ngo baraciye irya n’ino uko iyo migenderanire yifashe n’uko yobandanya ikomezwa kuko ngo irafise akamaro kanini. Ubu rero ngo igisirikare gifise intumbero yo kubandanya gutsimbataza amahoro n’umutekano mu buhinga bunyuranye, atari ubwo kurwana gusa. Ubwo buhinga nabwo, ngo ni kugarukana amahoro mu bindi bihugu biyakeneye, gukingira ibidukikije, kwitaho imbabare. Ivyo bikorwa vyose ngo bitunganywa kubera ubumenyi baba bagiye bararahura ahandi biciye muri iyo migenderanire myiza.

Déo Misigaro

                                                                                                        

Ouvrir