Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikiyaga Victoria ngo gifashwe neza abarundi botera imbere

DSC04876Kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2017 haratunganijwe ikiganiro ku bamenyeshamakuru kijanye n’umugambi wo mu karere k’ikiyaga Victoria uraba ibijanye no gukingira ibidukikije. Nk’uko umuhinga wo mu buyobozi bujejwe ibidukikije n’amazi n’ugutunganya amatongo n’ibisagara, Simon Sindayihebura yabimenyesheje ngo inama yari yateguwe n’ikigo c’akarere k’ikiyaga victoria kw’igenekerezo rya 5 na 6 muri Ruhuhuma 2017 i Mwanza mu gihugu ca Tanzaniya yari iyo kurabira hamwe ingene umugambi ujejwe gukingingira ibidukikije wo muri ako karere watunganije ibikorwa vyawo, kuraba ukuntu wabikoze no kuraba ukuntu bokuraho ibibera intambamyi kuri uwo   mugambi. Ngo kabaye akaryo keza ko kuraba ibintu vyoja mu mugambi ugira 3 bari bagiye gusaba kugira uwo mugambi ubandanye. Bimwe bimwe muvyo basavye bikenewe ku Burundi ngo n’ibijanye no kuvomera uruzi Rweru n’ibijanye no gushiraho agace k’ihemero ry’ibiyaga biri mu ntara ya Kirundo nk’ ibikorwa vyo gukingira ibidukikije, ivyo guca imikobeko ku mitumba y’amakomine uwo mugambi ugira 2 utakoreyemwo hamwe n’ukuntu amahera aja mu migambi y’abenegihugu batanga yoba menshi gutyo abantu bakora iyo migambi bakaba benshi kandi hakaboneka n’akarusho. Ikindi ngo ibikorwa bijanye n’uburovyi barabonye yuko mu Burundi babishizemwo ko inguvu nyinshi bosanga bariko batera imbere mu bijanye n’amagara meza. Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD) ngo yaremeye ko igiye gushigikira imigambi y’iterambere yose igize akarere k’ikiyaga Victoria iriko irakorwa, ngo baranavuga ko ibijanye n’ugukingira ibidukikije, ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’uburovyi bazobishira imbere. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe ibikorwa mu muryango wa Afrika y’ ubuseruko (EAC) ambasaderi Jean Rigi nawe yamenyesheje ko ibidukikije bitagira imbibe kandi ko muri uwo mugambi w’ico kiyaga victoria abari mu bihugu bihurikiye muri EAC biyemeje kwama bakorana n’uwo mugambi. Ngo muri ico kiyaga, Uburundi bufiseyo intererano n’inyungu zitari nke. Interano y’uburundi muri ico kiyaga n’imigambi irangurirwayo ngo ni uko burungikayo amazi menshi akoreshwa mw’iterambere ari nko mu burimyi , mu guhingura amasoko ntanganguvu , inzuzi, n’ ibiyaga. Ikindi ngo ni uko ufatiye ku kungene Uburundi bungana n’igice kiri mw’ihuriro ry’ico kiyaga Victoria usanga igihugu gifiseyo ibirometero kwadarato ibihumbi 13060 ukuyemwo igice c’amazi ya Tanganyika. Ivyo rero ngo bica vyerekana ko iyo migambi iharangurirwa ifitiye akamaro Uburundi. Yaranamenyesheje ko uburovyi n’ubworozi bw’amafi bwateye imbere muri ico kiyaga ari naco gituma ngo ico kiyaga gifashwe neza abanyagihugu bashobora gutera imbere.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir