Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amashure afise uburaro asabwa gutunganya gushasha uburyo Reta itanga bufasha abanyeshure mu kubafungurira

cverrAmashure afise uburaro asabwa gutunganya gushasha  kandi mu muco uburyo Reta itanga bufasha abanyeshure mu kubafungurira.Ivyo bikaba ari ivyavugiwe mu nama yahuje ku wa 5 Rusama 2017 abegwa bose n’ikibazo c’indero na cane cane abayobozi  n’abaserukiye abayobozi b’amashure afise uburaro mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku kungene amashure afise uburaro yotunganywa gushasha kandi neza  kuko hariho amashure usanga atunganya neza uburyo Reta itanga gutyo ntihagire amadeni baharurwako.Iyo nama ikaba yari irongowe n’umushikiraganji w’indero, amashure matomato n’ayisumbuye, Janvière Ndirahisha. Nk’uko umushikiranganji Janvière Ndirahisha yabivuze, ngo iyo nama yaje hageze kuko basanze amafaranga Reta itanga mu mashure afise uburaro hariho abayatunganya neza ntihagire amadeni bagira mbere ngo bakanacaguzako n’abandi usanga bagumana amadeni bakagaruka gusaba ngo babongere ayandi. Iyo nama rero ngo yabaye akaryo keza ko kurabira hamwe ibitagenda neza gutyo bagaheza bakabitorera inyishu bari hamwe. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo amashure make muri menshi afise uburaro niyo yibonekeje ko agerageza gutunganya neza uburyo Reta itanga bwo gufasha abana biga bafise indaro mu vyerekeye ukubafungurira. Ayo nayo ngo ni ishure ryisumbuye ryo mw’Ijenda hamwe n’Ishure ryisumbuye ryo mu Cibitoke. Ku bw’ivyo, Janvière Ndirahisha akaba yahanuye abayobozi b’amashure ko bogerageza bagatunganya neza nk’abavyeyi uburyo Reta itanga mu kugerageza gukoresha amafaranga itanga agakwira, mu gucungera neza ikoreshwa ry’amazi n’amatara kugirango ntasesagurwe, mu gukoresha imodoka ico zagenewe ico naco ngo ni ukuzisumisha ibifungurwa vy’abanyeshure zikareka kwirirwa zirashomba amatafari canke imbaho nk’uko vyibonekeza kenshi hamwe rero ngo n’abasanzwe baba mu nzu Reta yari yubakiye abakozi ko bogerageza bakaziriha kuko asanzwe ari na make eka ngo n’abafise amadeni bakayariha gutyo ayo mafaranga agakora ico yagenewe.   Inyuma y’ukugendera uburaro bw’abanyeshure hamwe n’ikibanza bafunguriramwo, Janvière Ndirahisha akaba yaciye ahanura abavyeyi nabo ko bakwiye gufasha abana babo canke abipfuza ko abana babo biga mu mashure y’uburaro mu kubarungikana imatera bagiye kw’ishure kuko vyibonekeje ko abanyeshure batari bake baryama hasi kandi ku matera zaheze canke zatabutse na cane cane ngo ko ariho bamara umwanya munini gutyo batashe bakazitahana. Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ryo mu Cibitoke, Léonard Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko kugirango ayo mafaranga Reta itanga akwire, ngo baraheza bakabanza kugira idoriya ry’ingene ibiciro bimeze ku masoko gutyo ngo bagaheza bakagira ububiko bw’ibifungurwa vyinshi icarimwe nk’ibishobora kumara ibice bibiri vy’amashure. Ikindi naco ngo ni uko mu gutunganya ubwo buryo hama hajamwo umuco.

Estella Niyongere

Ouvrir