Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyagihugu basabwa gutera ibiti bikorwamwo impuzu mu kubitera mu bibanza bitandukanye

IMG 20170419 WA0013Igiti ngo gifise akamaro ntangere mu buzima bwa kiremwa muntu wese. Iyo umuntu abonye igiti ngo abona impwemu ahema, akanovera k’isi, imvura, ico yambara, eka igiti ngo ni ubuzima. Ku bw’ivyo ngo vyari ngombwa ko abanyagihugu bagerageza gutera ibiti aho babaye na cane cane bakarwiza ibiti bifise ico bivuga muri kahise k’igihugu c’Uburundi. Ivyo navyo ni nk’ibiti bihingurwamwo impuzu, inkofero amasakoshi n’ibindi hamwe n’ivyo babazqmwo ingoma kuko bigenda birahona. Ivyo biti navyo ngo ni umumanda, umuvumuvumu n’umuhororo hamwe n’umuvugangoma. Ivyo ni ivyamenyeshejwe n’uwurongoye ishirahamwe “Murundikazi Fashion” ryitaho kugarukana no guteza imbere umwambaro wa kera w’impuzu z’ibiti, Annick Kabatesi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo ico ciyumviro co kugarukana no guteza imbere umwambaro wa kera w’impuzu z’ibiti cavuye mu nyigisho zo mu mashure mato mato yaronse aho ngo mu mwaka wa gatanu mu gitabu «dusome» hari inkuru y’umwana yitwa Bayaga yakunda kubazagiza. Uwo mwana rero ngo umunsi umwe abaza inarume ingene aba kera bambara gutyo amwishura ko bambara impuzu zava mu biti vy’umumanda n’umuhororo. Ngo guhera aho ico ciyumviro caciye kiguma mu bwenge bwiwe gutyo araheza akigira umugambi kuko yumva ko akwiye gushigikira akaranga k’igihugu camwibarutse kandi ngo iyo umuntu afise umugambi araheza akawurangura buhorobuhoro. Annick Kabatesi yamenyesheje ko ubudasa buri hagati y’impuzu z’ibiti bambara kera n’iz’ubu ngo ni uko abakera bari bafise aho bagejeje mu kuzikora ari naho yahereye. Kera ngo mu kuzambara babanza kuzisiga amavuta y’inka kugirango zorohe. Ariko ubu ngo bakora impuzu zambarwa zitarinze gusigwa amavuta kuko mu kuzikora babanza gushira munsi iharire (igitambara coroshe) gutyo ngo n’umunyamahanga agaheza akayambara kandi ngo uko umuntu ayambara niko igenda iroroha. Ikindi naco ngo ni uko iz’ubu zica ku mutayeri akaziha iforoma bivanye n’ingene umuntu avyipfuza. Izo mpuzu ziramesuzwa muri ya mazu akoresha ubuhinga bwa none kandi ngo ziragororwa. Ngo uwabonye impuzu y’igiti ya kera yomenya n’iy’ubu kuko ngo igumana ibara rimwe ariryo ry’inginagina kuko ngo uretse igitambara c’iharire yongeramwo ngo nta kindi kintu na kimwe akoresha kugirango ihindure ibara canke yorohe. Ku bwiwe ngo abanyamyuga bafise ubwenge n’ubuhinga mvamutwe. Ngo baguma mu bintu vy’ubushakashatsi, barondera ico bokongerako kandi ico biyumviriye bagaheza bakaraba ko ari ikintu c’ingirakamaro. Izo mpuzu z’ibiti rero ngo zirazimvye kuko ngo mu kuzikora bisaba ubwenge bwinshi kandi ngo bigafata n’umwanya munini. Ikindi naco ngo ibiti babikura mu ntara zo hagati mu gihugu bigaheza bigahingurirwa mu ntara ya Gitega. Annick Kabatesi akaba yamenyesheje ko abanyagihugu batobato badashobora kugura iyo mpuzu bayipfuza nabo nyene baheza bakahungukira vyinshi naho bidashoka vyibonekeza. Ngo uwufise igiti gikorwamwo izo mpuzu ngo arakidandaza akaronka amafaranga, ngo iyo ingenzi zije kuratira ijisho ivyo vyiza biva mu giti ngo amafaranga zinjije mu gihugu araheza akubakwamwo amashure,amavuriro ,amabarabara n’ibindi gutyo ugasanga abana canke abakuze bose bahungikiye mu buryo ubu canke ubundi. Annick Kabatesi akaba yaciye asaba Reta ibicishje mu bushikiranganji bubijejwe kugerageza ibishoboka vyose kugirango ibandanye guhimiriza abanyagihugu ngo bijukire gutera no kurwiza ibiti na cane cane ivyo bita kera ngo n’ibiti vy’Imana kuko vyari bifise ico bisigura muri kahise k’Uburundi. Ivyo biti nyene ngo biriko birahona ubu ngo ntivyaterwa ahari ho hose kenshi ngo wabisanga ku bigabiro, ku rugo n’ahandi ariko ngo ntavyaboneka mu mashamba. Mu ntumbero yo kurwiza ivyo biti ngo vyoterwa ku mashure ari naho abana bokura babizi kandi bakunda akaranga k’igihugu cabo, ku nkengera z’inzuzi, ku makomine, ku bitaro, mu kigo ndangamico n’ahandi. Ikindi naco ngo Reta yogerageza igihe habaye amahiganwa yo hanze y’igihugu mu bijanye no kwerekana imico kama y’igihugu hakaza haragenda abamenyeshamakuru kugirango baze bararata ivyo vyiza Uburundi bufise kuko ngo iyo umuntu afise iciza arakirata.

Estella Niyongere

Ouvrir