Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ugukoresha umusegetera urimwo umuti ngo ni uburyo burashe bwo kwikingira indwara ya marariya

bvghUwurongoye umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya marariya (PNILP), Dionise Nizigiyimana ahamagarira abanyagihugu kwijukira gukoresha umusegetera urimwo umuti n’ugupompa imibu kugira bikingire indwara ya marariya. Ako kamo yagateye mw’ijambo yashikirije ryo kwugurura inama nkarishabwenge yari yatunganijwe n’ico gisata arongoye ikaba yari   yatumiwemwo abamanyeshamakuru kugira bahanahane ivyiyumviro ku buryo burashe bwo kurwanya indwara ya marariya. Nk’uko Dionise Nizigiyimana yabandanije abivuga muri iryo jambo ngo uruhara rwo gukoresha umusegetera urimwo umuti no gupompa imibu ni ntangere mu kwikingira indwara ya marariya. Dionise Nizigiyimana akaba yarateye akamo abanyagihugu bose ngo bakoreshe imisegetera irimwo imiti kugira bikingire indwara ya marariya yabaye ikiza mu Burundi kandi bikenewe bakongera bagapompa imibu mu nzu n’ahandi hose irundanye. Ngo ikindi naco ni uko uwiketse ko arwaye iyo ndwara yonyaruka kwipimisha kwa muganga. Ngo iyo ndwara ya marariya irakarira abana hamwe n’abagore bibugenze.Yavuze ko abakenyezi bibungeze bategerezwa gufata umuti wa marariya incuro zitatu kugira bikingire iyo ndwara. Yarongeye aramenyesha ko batanze imisegetera ishika 121.727 mu gihugu cose, bongera bayiha abafise abana bari munsi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibungenze imisegetera 574.590. Vyongeye ngo uko imyaka itanu iheze bazokwama batanga imisegetera. Ngo ikindi naco ni uko mu ntara ya Ngozi kugira ico kiza c’indwara ya marariya kigabanuke ni uko bakoresheje ubuhinga bwo gupompa. Abamenyeshamakuru barabajije igituma indwara ya marariya iguma igaruka ku bantu bafashe imiti. Dionise Nizigiyimana yishuye ko abantu bikunda gushikira ari abafata imiti uko muganga atababwiye ntibayiheze canke ugasanga umuti umwe usangiwe n’abarwayi babiri. Baramubajije igituma umuti wa marariya wo mu bwoko bwa « Quinine » ukizimvye. Yabishuye ko umuti wa marariya bawutanga ku buntu uwukeneye nawe akaja kuwutora   kw’ivuriro rimwegereye. Abamenyeshemakuru barabajije ibijanye n’umuti witwa   «Amodiakine» woba utagikora . Dionise Nizigiyimana akaba yishuye ko abahinga bariko baravyiga kugira bamenye ukuri. Uwurongoye umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya marariya akaba yarangije atera akamo abamenyeshamakuru guterera mu guhimiriza abanyagihugu kurara mu musegetera urimwo umuti hamwe no gufata umuti neza kandi bubahirije amasaha muganga yababwiye kuko ijwi ry’abamenyeshamakuru rishika kure.

Thérèse Niyonkuru                                                                      

.                  

Ouvrir