Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Intwazangabo ziheruka kurangiza kaminuza y’igiporisi zararahiye imbere y’Umukuru w’igihugu

C EAeHnXoAQP yOUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarakeje intwazangabo 56 zarahiye mbere ziranaronswa impapuro z’umutsindo inyuma y’inyigisho zaronkejwe na Kaminuza y’igiporisi. Ibirori vy’iyo migirwa vyabaye ku wa 5 Rusama 2017 muri kamiuza y’igipolisi iri mu Mitakataka, intara ya Bubanza. Mw’ijambo ryiwe, Prezida NKURUZIZA yavuze ko iyo kaminuza yashizweho kugira ngo amahoro n’umutekano vyubahirizwe mu Burundi. Ngo iyo igihugu gifise intwazangabo zizi ico zikora kiraheza kikagira amahoro n’umutekano. Prezida NKURUNZIZA yaboneyeho akaryo ko kwibutsa intwazangabo n’inyamiramabi zirongoye abandi ko zitegerezwa gukingira inyungu y’umunyagihugu wese. Ngo ihangiro ryo gusasagaza amahoro n’umutekano mu gihugu ntiryoshikwako mu gihe igihugu kidafise intwazangabo zifise ubumenyi bukwiye. Yamenyesheje abaronkejwe izo mpapuro ko ubumenyi butigera bwuzura, ngo bisabwa ko haba ishaka ryo kwama barondera ubumenyi. Yabasavye kugendera ibanga mu kwama na ntaryo bubahiriza ingingo zerekeye inyamiramabi ziri mw’Ibwirizwa Shingiro ry’igihugu. Yarabasavye kandi kwirinda basesankuyoze. Ngo baze bame bagendera akarangamutima k’umwuga wabo. Prezida NKURUNZIZA yaramenyesheje kandi ko Reta ataco itazokora kugira ngo iyo kaminuza y’igiporisi ishigikirwe. Yarashimiye cane abapolisi bama bariko barangura ibikorwa vy’iterambere. Muri iryo jambo, Perezida NKURUNZIZA yabanje gushimira Imana Mushoboravyose yashoboje abarundi gushika ku munsi wo kwakira imiyabaga igiye gukurikirana inyigisho za kaminuza z’igipolisi. Ngo mu majambo atandukanye yama ashikiriza ngo ntahengeshanya kwama avuga ko amahoro n’umutekano ari ryo shingiro ry’iterambere. Ngo ni ikigabane kitazokwigera gihara mu migambi ya Reta y’Uburundi. Ngo ni muri iyo ntumbero yo kwama aha ikibanza c’iteka umutekano. Ngo yishikiye kurahiza intwazangabo z’umurwi wa kabiri zironkejwe impapuro z’umutsindo. Yaranazikeje kw’iteka ziteye mu kuronka impamyabushozi. Umushikiranganji w’umutekano, Alain Guiyaume Bunyonyi, nawe mw’ijambo ry’ikaze yarashimiye Umukuru w’igihugu yashimye kwishikira muri ivyo birori ngo vyerekana agaciro aha urwego rw’inyamiramabi, araha kandi ikaze abatumire bose bitavye ivyo birori. Ngo kuba Umukuru w’igihugu yashimye kwishikira muri ivyo birori ngo vyerekana agaciro aha urwego rw’inyamiramabi. Yaciye ashimira kaminuza y’igipolisi ku bijanye n’ivyo iyo kaminuza irangura. Ngo iyinjira rya kaminuza y’igipolisi y’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amakaminuza y’igipolisi rizokwerekana ishusho nziza y’Uburundi. Eka nawe nyene yasavye intwazangabo zaronkejwe impapuro z’umutsindo kugendera imico ngenderwako iranga intwazangabo z’igipolisi c’Uburundi. Ngo ni ugukunda igihugu, ukudahengama, ugukurikiza amategeko, uburwaneza, ubuntu n’ibindi. Basabwe kwerekana ubutwari mu kazi kabo. Eka n’uwurongoye ishure kaminuza ry’igipolisi, OPC2 Nahimana Anaclet, yarafashe ijambo aho yashimiye cane Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA kuba yishikiye gutanga impapuro z’umutsindo ku ntwazangabo z’umurwi ugira kabiri kuva igipolisi c’uburundi gisubiwemwo. Ngo kuba yishikiye gukora ico gikorwa ngo vyerekana ko Reta yitayeho cane umutekano w’igihugu. Eka mbere yasavye abaronkejwe izo mpapuro kuba abizigirwa mu gutanga akarorero keza. Eka mbere yarahaye n’impanuro imikangara yemerewe gukurikirana inyigisho z’ishure nkuru y’igipolisi zibaha uburenganzira bwo kuba intwazangabo. Ngo kuva iryo shure ritangura rimaze kuramura intwazangabo zingana 1383, abagabo 1313, abakenyezi 70 n’abihebeye Imana 7. Yasavye ko hariho amategeko agenga iryo shure yogenda asubirwamwo kugira ngo rijane n’ibihe vya none. Yaranasavye Umukuru w’igihugu ko iryo shure ryoronswa inyubakwa zikwiye n’ibarabara nyabagendwa. Mwomenya ko intwazangabo zitatu za mbere zaronkejwe udushimwe.

Nathan Ntahondi

Ouvrir