Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CENI: Claver Nduwimana niwe yaraye atowe nk’umukenguzamateka agiye guserukira intara ya Muramvya

bvnnKw’igenekerezo rya 4 Rusama 2017 niho abajenema b’amakomine agize intara ya Muramvya barangura igikorwa co gutora umukenguzamateka azosubirira mu kibanza Célestin Ndayizeye yahora aserukira intara ya Muramvya mu Nama Nkenguzamateka, ubu akaba asigaye ari umushikiranganji w’ibidukikije. Ico gikorwa rero cabereye kw’ishure ryisumbuye rya Muramvya mu mutekano ntangere gihagarikiwe n’abanyamigambwe hamwe n’abasanzwe bakora mu murwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI. Imigambwe yari yatanze abitoza yari CNDD-FDD hamwe na PAJUDE .Abajenama b’amakomine bategerezwa gutora bari 79 kandi bakaba baratoye bose maze Claver Nduwimana yari yahiganywe mu kibanza c’umugambwe CNDD-FDD akaba ariwe yatahukanye intsinzi ku majwi 76, PAJUDE ironka 0 ; ijwi rimwe riba impfagusa hamwe na babiri ataco bashimye kubivugako.Inyuma y’ayo matora umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, Pierre Claver Ndayicariye akaba yaramenyesheje ko amatora yabaye uwo munsi yerekana ukwubaha demokarasi hamwe n’abanyagihugu bishiriraho inzego ngo n’ikimenyamenya ni uko abari bitezwe gutora bose baje bikaba vyerekana ko bemera inzira y’amatora mu mahororo n’umutekano.

  Josélyne Ndayegamiye

                                                                           

Ouvrir