Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibiganiro n’uwo mufise ivyo mupfa ngo ni isoko ry’ubutunzi bw’umutima

xdsssIbiganiro n’uwo mufise ivyo mudahurizako bisaba ko umwe muribo aba yaguye umutima ushaka kumenya uko abona ibi na biriya. Ico kiyago ngo ni isoko ry’ubutunzi bw’ubumenyi na kare ngo umutwe umwe ntiwigira inama, kandi ngo umutwe umwe wifasha gusara ntiwifasha gusaba. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umwigisha muri kaminuza yanonosoye ivy’inyifato n’imvugo nziza, Adolphe Sururu, ku muhingamo wo ku wa 3 Rusama 2017, hari mu nama igira gatatu yo mu rukurikirane rw’inama zo kwigisha amahoro zitunganywa n’ikigo giserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho indero, ubushakashatsi n’imico kama UNESCO, aho batanze ibiganiro ku bijanye n’«umuvukano utagira imbibe», ikiganiro cashikirijwe na patiri. Adrien Ntabona hamwe n’ «inguvu z’ibiganiro ku bafise ico badahurizako »cashikirijwe n’umwigisha, Adolphe Sururu. Nk’uko umwigisha wa kaminuza, Adolphe Sururu yabandanije abishikiriza inyuma y’ico kiganiro, ngo birakenewe ko iyo ufise uwo mutabona ibintu kumwe bisaba ko iyo mugiye mu biganiro wogenda wuguruye umutima, ushaka kumenya uko abona ibi na biriya. Na kare ngo abarundi barayamaze aho bavuze ko umutwe umwe utigira inama kandi ngo umutwe umwe wifasha gusara utifasha gusaba. Mu gihe ngo uriko uraganira n’uwundi hari aho usanga hari uko abona ibintu bitandukanye n’uko wewe uba ubibona, iyo usanze ari ibikwubaka ngo uba wungutse. Vyongeye, ngo kuganira bifasha kubana neza n’uwundi. Ngo ivyo uwo uriko urayaga nawe akwugururiye umutima, akabona ko ivyo avuze ubihaye ikibanza arumva y’uko adasuzuguwe, muri ico gihe, ngo imigenderanire yabo bantu iba yungutse. Ku bantu basanzwe bafitaniye amatati bakoresha inguvu, muri ico gihe ngo bavuga ko aho impfizi zibiri zirwaniye ubwatsi aribwo buhasigara. Abo bantu baganiriye bakagira aho bahuriza, ngo bituma ikibano ciza gitsimbatara, gutyo kikagira ibihengeri bike. Bisubiye, ngo iyo twubakiye ku mwumvikano, bituma n’ayandi matati yo mu nyuma dushobora kuyakinga mu buryo bwiza. Ivyo bigatuma amahoro mu mutima w’umwe wese aba yose, bigatuma haba kwiyumvira ibikorwa vy’iterambere. Ku kibazo co kumenya igihe abaganira atagushaka bafise n’inguvu zitangana, ngo muri ico gihe bica bisaba kwiyumvira na cane cane kazoza kuko ngo mudafise inguvu zingana uno munsi, ejo canke hirya y’ejo ibintu bishobora guhinduka. Muri ico gihe ngo haba hari ukwiyumvira gusambura, muri make rero ngo ntuba wubakiye kuri kazoza keza. Mu biganiro vy’abo bose bafise ivyo bapfa, ngo umwe wese yogenda kuganira n’uwundi bafise ukwizerana, ata n’umwe afise intumbero yo gutwara ico uwundi afise kandi adafise intumbero yo kwonona, ahubwo arondera ineza ya bose. Ku kibazo co kumenya uruhara rw’abahuza mu biganiro iyo ata gushaka kuhari, umwigisha wa kaminuza, Adolphe Sururu yamenyesheje ko uruhara rw’abahuza ari ukwumviriza ikibakiye umwe wese, hanyuma agatahura. Muri ico gihe, aca agerageza kubaza abari mu matati gutandukanya abantu bashira imbere n’ico bipfuza. Umwe wese amaze gushikiriza ivyo yipfuza, ngo abahuza baca baraba ico bogira kugira ubuzima bashaka baburonke ata wandya wangura, urwo ngo nirwo ruhara rw’abahuza.Imbere yaho, patiri, Adrien Ntabona yari yashikirije ikiganiro ku muvukano utagira imbibe, yamenyesheje ko inzira ishikana kuri uwo muvukano ari ukwiyumvamwo ko ushinzwe abandi, ukumva ko musangiye gupfa no gukira n’abandi. Mu Burundi naho, ngo ubushingantahe bwobidufashamwo kubera ko umushingantahe ari umuntu aharanira ubutungane kuri bose, agatabara bose ndetse agaharanira na ntaryo umwumvikano kuri bose. Mu gihe hari abavuga abagabo abandi nabo abashingantahe, ngo ibintu babibona kumwe gusa umushingantahe aba yaratiwe, agaharanira umuvukano uzira imbibe.

  Déo Misigaro                                                                                        

Ouvrir