Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta basabwa kubera akarorero abandi bakozi

bbbvnnAbakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’ikigega no gushira mu minwe y’abakorera ivyabo amashirahamwe Reta ifisemwo umutahe kubera akororero abandi, barwanye ubunyonyezi ndetse ibikorwa bikorwe mu muco. Imigambi yatunganijwe kurangurwa mu mwaka w’2017, iyidasaba uburyo bwinshi ishirwe mu ngiro, iyisaba uburyo bwisununuye nayo izoshirwe imbere mw’itunganywa ry’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2018. Izo ni zimwe mu mpanuro Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore yatekereye abayobozi bakuru n’abayobozi b’ibisata bitandukanye hamwe n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ku 5 Rusama 2017, hari mu nama yo kurabira hamwe aho imigambi bihaye kurangura mu mwaka w’2017 igeze mu mezi atatu ya mbere y’uwu mwaka.Nk’uko Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore yabandanije abishikiriza, ngo mu gihe hari ugutanako umwikomo igihe imigambi icererewe mu bisata ibi canke biriya, agira inama abo bakozi bakuru umwe wese gukora ico ategerezwa gukora, ibindi bizoheza bije mu ngiro. Muri rusangi rero, Joseph Butore arashimira ikigo kijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori OBR kubona cabandanije kuduza umwimbu muri kino gihe abafasha Uburundi bamwe bamwe bari biyonjoroye. Ivyo ngo vyatumye ibikorwa vya Reta bibandanya, ndetse n’imigambi imwe imwe ikabandanya ishirwa mu ngiro. Mu gihe komiseri mukuru w’ikigo OBR asaba ko boronswa abakozi kubera ibikorwa bibandanya vyiyongera kubera ko hari umugambi wo kuduza amafaranga yegeranywa hagati mu gihugu, aho Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ata kibazo mu gihe umwimbu w’ico kigo ubandanya wiyongera. Mu gihe ubuyobozi bujejwe gutanga amasoko buterwa agatoke ko budindiza imigambi itandukanye, Joseph Butore yamenyesheje ko ico kibazo kizotorerwa umuti n’itegeko rishasha ryatowe n’Inama Nshingamateka ryimirije kuja mu ngiro. Mu mpanuro yabatekereye, mu gihe bajejwe kwegeranya uburyo bukoreshwa, ayafasha mu migambi itandukanye no gucungera ingene ubwo buryo bukoreshwa, basabwa kubera akarorero abandi bakozi. Eka ngo bakwiye kurwanya ubunyonyezi, gutanga amasoko biciye mu muco, gutyo ubutunzi bw’igihugu bubone gucungerwa neza. Ku mushikiranganji w’ikigega ca Reta, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore amusaba kurwiza inama nk’izo kugira baganire uko ibikorwa vyifashe mu bushikiranganji aramutswa. Ku bijanye n’ibanki y’isi hamwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere, ngo bafitaniye imigenderanire myiza n’Uburundi, ariko bagasaba ko imigambi iba yimirije kurangurwa Reta yokora ibishoboka nko gutanga umuzibukiro aho ibikorwa bizorangurirwa kugira binyaruke, aho bakavuga nk’ibikorwa vyo kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa Jiji-Murembwe, ibikorwa bishigikiwe n’ibanki y’isi. Imbere yaho, umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo yamenyesheje mw’ijambo ryiwe ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2017, hatororokanijwe mu gihugu imiriyaridi 178,67 z’amafaranga y’amarundi, mu mwaka w’2016 mu kiringo nk’ico nyene, hari hatororokanijwe imiriyaridi 149,79 z’amafaranga y’amarundi, ni ukuvuga ko yiyongereye ku rugero rw’imiriyaridi 28,88 z’amafaranga y’amarundi, urugero rw’ibice 19,28%. Ku bijanye n’uburyo buva hanze, habonetse ibihumbi 437 389,61 y’amadorari y’abanyamerika, ahanini yatanzwe n’amashirahamwe afasha Uburundi nk’ibanki ya Afrika ijewe iterambere n’ibanki y’isi yose, n’ayandi.

Déo Misigaro

                                                                                                            

Ouvrir