Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi na Republika iharanira demokarasi ya Kongo ngo bisangiye ugupfa n’ugukira

dfsdUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarakiriye icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’ugufashanya wa Republika iraharanira Demokarasi ya kongo (RDC), Léonard SHE-OKITUNDU yari amuzaniye ubutumwa bwa mugenziwe, Joseph Kabila. Hari ku wa 4 Rusama 2017 ku kirimba c’Umukuru w’igihugu i Bujumbura. Icegera c’umushikiranganji wa mbere Léonard SHE-OKITUNDU avuye muri uwo mubonano yamenyesheje ko Uburundi ari igihugu kivukanyi, kigenzi kandi kibanyi c’igihugu ca Kongo. Ngo yagize urwo rugendo mu ntumbero yo gutsimbataza umubano mwiza hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri hamwe no kwama bagiriranira imibonano na cane cane mu gutsimbataza umutekano hamwe no guhanahana ibidandazwa. Yarongeye amenyesha ko ivyo bihugu bikeneye kunagura ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu biyaga binini (CEPGL) ivyo bihugu bisangiye. Ngo hoca hatsimbatazwa n’amashirahamwe yandi arikomokako. Muri kino gihe kandi ngo hariho n’icipfuzo co gusubiramwo amategeko agenga ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vya Afrika yo hagati (CEEAC) ivyo bihugu bihurikiyemwo, aho naho bikaba bisaba ko ibihugu bishikiriza ivyohinduka. Ngo hari no kuraba ivyoshikirizwa n’ivyo bihugu mu gutsimbataza ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika (UA), aho ni mu gihe kuri uwu wa mbere nyene hategekanijwe inama y’abashikiranganji i Kigali mu Rwanda. Yarongeye amenyesha kandi ko muri kino gihe muri RDC ibiganiro vyahuje abanyeporitike biriko biraja mu nzira nziza kuko hamaze kugenwa umushikiranganji wa mbere, ubu nawe akaba ariko arabonana n’abanyeporitike bose mu ntumbero yo gushinga Reta ihurikiyemwo abanyekongo bo mirwi itandukanye yo muri ico gihugu. Mu gihe kandi hategekanijwe amatora imbere y’uko uwu mwaka urangira, Reta ya RDC yasavye Reta y’Uburundi kuzofasha ico gihugu mu gutunganya ayo amatora. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba yarashimye ubutumwa yarungikiwe na mugenziwe wa RDC Joseph Kabila indamutso ya kivukanyi, yo kwipfuriza amahoro n’ineza Uburundi, abarundi n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ngo baganiriye kandi n’aho igihugu ca Kongo kigejeje itegurwa ry’ amatora yimirije, yongera asaba ko Uburundi bwogifata mu mugongo narirya bufatwa nk’igihugu cashoboye gutunganya amatora mu bihe bidasanzwe. Ikindi yamusavye ngo ni uko igihugu ca RDC, Uburundi n’Urwanda vyokorana kugira ishirahamwe CEPGL risubire kunagurwa. Prezida NKURUNZIZA yarongeye aramwemerera ko Uburundi buzokora ibishoboka vyose kugira bugiranire umubano mwiza n’ibihugu bihana imbibe no gukomeza imigenderanire n’ibindi bihugu. Yaranamushimiye ku kubona igihugu ca Kongo carafashije kugira inkozi z’ikibi zari zameneye muri ico gihugu mu ntumbero yo guhungabanya umutekano mu Burundi zifatwe. Yamumenyesheje kandi ko Uburundi na Kongo ari ibihugu bibanyi bisangiye ugupfa n’ugukira kuko iyo habaye ibibazo mu gihugu kimwe zica zibonekeza no mu kindi. Yamusavye gukorera hamwe kugira ibibazo biri muri ivyo bihugu bibandanye bitorerwa umuti. Ku bijanye no kunagura ishirahamwe CEPGL ngo yipfuza ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda yobanza ikanagurwa kuko yoba ari intango nziza yo kunagura iryo shirahamwe.

Epitace Nduwayo    

Ouvrir