Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CNC irashimishwa n’ivyaranguwe mu gisata co kumenyesha amakuru mu mwaka w’2016

CAM00246Urwego rujejwe gukurikirana ingene ibimenyeshamakuru bikora, CNC rwarashize ahabona, kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2017, icegeranyo ivyaranguwe mu mwaka w’2016. Umukuru w’urwo rwego ari na we yashikirije ico cegeranyo mw’ihoteri « Club du Lac Tanganyika », Karenga Ramadhan yabanje gushimira abari bitavye ibirori vy’uwo munsi aranakeza cane ibimenyesha makuru vyubahirije akarangamutima k’umwuga wo kumenyesha amakuru mbere agirako akebura ibimenyeshamakuru bitubahirije ico vyiyemeje. Muri ico cegeranyo umukuru wa CNC, Karenga Ramadhan yaribukije ko urwego CNC atari urwego rushirwaho na Reta kuko rutegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro. Ngo ni muri iryo Bwirizwa Shingiro rero bitegekanijwe ko rutegerezwa uko umwaka utashe gutegura no gushikiriza Reta, Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka icegeranyo c’ivyaraguwe. Ico cegeranyo kibanza gufatira ku co urwego CNC rujejwe nko gufasha kugira ngo abumviriza ibimenyeshamakuru bose baronswe uburenganzira bwo gukurikirana amakuru ata kuvangura. Ngo harimwo kandi ugutanga intererano ku bijanye n’ingene ibimenyeshamakuru bikora. Muri ico cegeranyo kandi Karenga Ramadhan yerekanye ko bikenewe ko haba isubirwamwo ry’ingene ibimenyeshamakuru bikurikiranwa na cane cane mu gushiraho amategeko ngenderwako atuma ibifise agatosi muri kino gihe bivaho. Ngo amategeko ngenderwako yotuma haba ugukurikirana neza ingene ibimenyeshamakuru bikora mu ntumbero yo kuyaroranya n’ayakoreshwa haba muri Afrika canke kw’isi yose. Ngo mu vyo urwego CNC rwaranguye harimwo inagurwa ry’igisata kijejwe gukurikirana inkuru zishikirizwa n’ibimenyeshamakuru (Monitoring) n’igisata kijejwe kwakira no kwandika ibirego kubaba bibaza ko barenganijwe mu bijanye n’umwuga wo kumenyesha amakuru. Ngo harabaye gukurikiranira hafi mbere no kwandika abamenyeshamakuru bashobora kuzoronswa ikarata ndanga mumenyeshamakuru izotuma hataba ukujuragirika kw’indongozi canke abajejwe umutekano mu kumenya uwemerewe koko kumenyesha amakuru. Ariko rero Karenga Ramadhan aha yerekanye ko hari ingingo zitegerezwa gushirwaho kugira ngo iyo karata ibe iyikurikije amategeko. Muri ico cegeranyo Karenga Ramadhan yaragarutse ku bamenyeshamakuru bamwe bamwe mvamakungu batigenjeje neza mbere n’ivyo basaba bitemewe. Ngo muri iyo ntumbero kandi urwego CNC rwarashoboye kuba hafi abamenyesmakuru bagize ibibazo bariko bararangura umwuga wabo kandi bigenda neza. Karenga Ramadhan yaragarutse kandi ku nyifato y’abamenyesamakuru usanga batamenya n’ivyo barekuriwe n’amategeko mbere ngo ku bwiwe birababaje kubona abamenyeshamakuru bama bariko bashikiriza ivyo abandi ariko ivyabo ntibigere babicisha mu kanwa. Ngo none ibimenyamakuru vyanyu bizomenyekana gute na mwebwe bene vyo ataho mushikiriza ivyo birangura. Yaranakebuye ibimenyamakuru bimwe bimwe bitakurikije amategeko mu kurangura ibi canke biriya ngo nko kugurura imbuga vyavyo ku rubuga ngurukanabumenyi bitabimenyesheje. Ngo imiryango ya CNC iruguruye kuri uwo wese ari n’ico yipfuza kuronswa n’urwo rwego cemewe n’amategeko. Ico cegeranyo kandi kirasaba ko Reta n’abafasha Uburundi boshiraho ikigega co gufasha ibimenyeshamakuru nk’uko Ibwirizwa Shingiro ribitegekanya. Mwomenya ko inyuma yo gutangaza ico cegeranyo haciye hakurikira uguhanahana ivyiyumviro aho mbere uwaserukiye Inama Nshingamateka akaba n’umunyamabanga nshingabikorwa,Toyi Gabriel yakeje cane urwego CNC ku bikorwa rwaranguye mbere aca agenda yemeye ko azoshikiriza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka imyitwarariko yose y’urwego CNC kugira ngo rushobore gukora neza. Iyo nayo ni ugutegura amategeko azofasha cane urwo rwego kurangura imirimo yarwo neza, ukuronswa uburyo bw’amafaranga yo gukora, imodokari zo kwiyunguruza n’ibindi.

Nathan Ntahondi

Ouvrir