Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imana ngo yama yumva abayambaje bari mu mubabaro n’amagorwa

poiytUmukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Imana yumva uwuyambaje mu gihe ari mu magorwa n’umubabaro ku buryo aja kwitura umuntu Imana yamaze kumutegura. Ivyo yabimenyesheje ku munsi w’Imana igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2017 igihe yariko arifatanya n’abakristu bo mw’ishengero ry’abagenzi ryo mu Kibimba muri komine Ndava, intara ya Mwaro.

Yamenyesheje ko yaje kwifatanya n’abo bakristu mu gihe bakiri mu ndwi ya Pasika aca aboneraho akaryo ko kubipfuriza Pasika nziza. Ngo Pasika ivuga ko Yesu ari muzima kuko yatsinze urupfu. Yamenyesheje kandi ko ubutumwa bwiza bubonekera mu bikorwa nko gufasha abagowe n’abarwaye. Niko kubasaba kwama baza mw’isengero bitunganije. Umukristu kugira amenye ko amasengesho yiwe yashitse ku Mana ngo abibonera mu bimenyetso kandi aho icisha ntaho umenya; Imana ngo yama yishura. Imana kandi ngo irahindura imibabaro y’umuntu mu mateka. Imana kandi ntiyihanganira abansi b’abantu bayo nk’uko itihanganira amarushwa y’abantu bayo. Bisubiye ngo Imana irarwanira abantu bayo. Yarongeye amenyesha ko Yesu yazutse ahawe ubushobozi na mpwemu yera, kuvuga ubutumwa bwiza bigaragaza ko umuntu yahindutse gutyo n’ibitangaza bigaca bikoreka. Prezida NKURUNZIZA yasabiye abakristu bo mw’ishengero ry’abagenzi guhezagirwa n’Uhoraho muri ibi bihe vyiza vya Pasika.Yabemereye ko mu nyuma azoza kuhasengera azananye n’umuryango wiwe kuko akunda abanyakibimba. Ngo bamurereye umuvyeyi wiwe kuko yize kuri iryo shure akarangiza amashure aho nyene mu mwaka w’1954. Ico gihe ngo azozanana kandi n’amakorare 3 imwe yose iririmbe indirimbo 3 hongereko iyiwe gutyo zizobe 10. Yabamenyesheje kandi ko ukutamenya ibihe n’ivyo ukwiye gukora ari agahombo kanini na cane cane ku muntu mu bihe turimwo. Ijambo ry’Imana ngo rivuga riti : «abantu banje bishwe n’ukutamenya». Abanyisraheri ngo bahungiye muri Egiputa ku guhunga inzara bamarayo imyaka 430 bari mu buja ariko bakaba baguma basenga. Ijoro rimwe Imana yaciye ibaha amateka kuko yari yumvise amarira n’amaborogo yabo. Yaciye ibagira ingabo za Yesu, ivyo akaba abigereranya na Pasika. Ngo ivyo vyari vyarahishuwe ko hazovuka umwami akomoka ku gishitsi ca Dawudi akaba azokwitwa Emmanuel bisigura ko Imana iri kumwe natwe. Yafatiye kw’isezerano rishasha muri Luka kuva mu kigabane ca 24, umurongo wa mbere gushika ku murongo w’9. Yarongeye abahanura kwitondera kwota umuriro utacanye kuko Petero yose uwo atacanye hari abaciye babona ko yari kumwe na Yesu gutyo bituma amwihakana.

Epitace Nduwayo

Ouvrir