Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA :«amahoro n’umutekano biratsimabateye mu ntara zose z’igihugu»

pitaAmahoro n’umutekano ngo biratsimbataye mu ntara zose z’igihugu kandi abanyagihugu bose basenyera ku mugozi umwe mu bijanye n’iterambere. Naho biri uko ngo hari akagihaze kuko hacibonekeza abantu bakora urudandazwa rutemewe n’amategeko canke abarya igiturire n’abagitanga. Ivyo vyamenyeshejwe n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ku wa 24 Ndamukiza 2017 ahejeje kwifatanya n’abanyagihugu b’i Nyarusange aho umurwizatunga Vénérand Ntikazohera ariko yubaka ishure ry’ubuvuzi. Bisubiye ngo kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare abanyagihugu bategerezwa kugira urunani rw’intamenwa. Iyo avuze umutekano ngo n’ibidukikije biba birimwo. Yasavye abarundi rero kubungabunga ibidukikije na cane cane abo mu ntara za Gitega, Karusi, Ruyigi, Mwaro na Muramvya. Yamenyesheje ko bariko barabira hamwe kandi ibijanye n’iterambere. Bavuze ibidukikije kandi ngo baba bavuze n’ibijanye n’amagara y’abantu, baraba ko abanyeshure bagiye kw’ishure, ko abantu baja ku masoko bakadandaza kandi bagatahuka bakanaraba ko uruja n’uruza hagati y’amakomine n’intara vyifashe neza. Yamenyesheje ko yagirishije inama ba buramatari, abajejwe ubutungane, abarongoye igiporisi n’igisirikare, hamwe n’abagwizatunga bo mu ntara za Gitega, Ruyigi, Karusi, Mwaro na Muramvya mu ntumbero yo kuraba ukungene umutekano wifashe n’ukungene bobungabunga ubutunzi Imana yahaye igihugu bahereye ku bantu kuko ubutunzi bwa mbere aribo. Yarongeye amenyesha ko komine ya Nyarusange ayikunda cane kandi uwu mwaka ugira 9 akorana n’abanyagihugu bo muri iyo komine, abaha imbuto. Ngo abanyagihugu baho ni abantu bakunda ibikorwa, barubakiye hamwe amavuriro, amashure, amasoko ya kijambere. Yarakeje umurwizatunga Ntikazohera ariko arubaka iryo shure aca asaba urwaruka kuzokwiga amashure atize. Ku bwa Reta y’Uburundi ngo bariyemeje gushigikira baba abariko bateza imbere igihugu na cane cane aho bavuka. Yamenyesheje kandi ko muri iyo nama barabiye hamwe ukungene imigambi y’iterambere yifashe.Yamenyesheje ko atawukunda igihugu atabanje gukunda aho avuka, niko gushimira imvukira zose z’intara ya Gitega bateje imbere amakomine bavukamwo. Yaboneyeho akaryo ko kuremesha umurwizatunga Vénérand Ntikazohera, umuvyeyi wiwe aherutse kugandagurwa n’inkozi z’ikibi, akaba yaciye ashimira abajejwe umutekano n’ubutungane bakoze uko bashoboye izo nkozi z’ikibi zigafatwa zigacibwa imanza. Ngo iyo abo bantu badafatwa ngo bari kuvugutirwa umuti wavugutiwe intara ya Bujumbura hamwe n’ikomine ya Mugamba. Inkozi z’ikibi zizoza gucanishamwo abanyagihugu canke gusesa amaraso ngo Reta ntizozihanganira na gato. Yasavye abajejwe igiporisi, igisirikare, intwaro n’abanyagihugu kugira inyabune kugira ntihagire inkozi z’ikibi nkizo zisubira kuvugwa canke ngo zibacane umutaru. Ngo asubiye kwumva akantu gakaciye aho muri komine Nyarusange bazomubona, niko kubamenyesha ko «inkware zisezerana mu masesa». Iki gihe ngo ni ico amahoro, gusubiza hamwe, guteza imbere igihugu n’amakomine. Yasavye abanyagihugu b’i Nyarusange kwijukira kuba mu bigwati kugira bave mu minyaganyaga, aca abemerera kuzobaha amabati 20.000. Yasavye musitanteri gutangura kubitegura kugira mu mwaka uza nk’ico gihe hazobe hari n’imuburiburi inzu 200, umwe wese aronke amabati 40. Ngo amazi meza n’amatara bari basavye bizoca biboneka. Yamenyesheje ko bagiye mu bigwati no gucungera umutekano wabo bica vyoroha, amavuriro azoca yubakwa, n’isoko ya kijambere, abana bace baca ubwenge hamwe n’iyindi migambi y’iterambere ikurikire. Prezida yasavye ko ibibanza bihabwa abantu babayabaye. Yabasavye kandi kwitwararika kubungabunga ibidukikije mu guca imikobeko mu ntumbero yo gukingira isi ndimwa no gutera ibiti vyinshi. Yabemereye imivyaro y’amavoka 20.000 kugira bayatere iruhande y’ibigwati. Bisubiye ngo ibikorwa abanyeshure bahora bakora mu kiruhuko c’ici ngo botegura n’amatuta y’ivyamwa. Inyuma yaho Prezida NKURUNZIZA yarahaye imfashanyo y’umuceri imiryango 300 y’abatishoboye bo muri komine Nyarusange.

       Epitace Nduwayo

Ouvrir