Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umuryango w’Umukuru w’igihugu warakiriye abana b’impfuvyi 4 ugiye kurera

kliUmuryango w’Umukuru w’igihugu warakiriye ubugira kandi abana b’impfuvyi ugiye kurera. Nk’uko Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yavyiganiye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2017 ku kirimba i Bujumbura ngo abo bana b’impfuvyi uko ari bane baravukana, hakaba harimwo umwana w’umukobwa Chanceline Irishura afise umwaka n’igice. Denise NKURUNZIZA akaba yabandaije amenyesha ko abo bana babuze abavyeyi bakiri bato kuko umwana wa mbere afise imyaka 10, uwumukurikira 8, uwundi 6 hamwe n’uwa nyuma afise umwaka n’igice. Abavyeyi babo bamaze gupfa abana baciye baguma bonyene mukuru akaba ariwe yaciye aguma ahetse uwo muto kandi bari basanzwe ataco bafise. Ngo ntibari bafise ababagaburira nabo bagaca baguma baja gusega ico bafungura, ngo na sewabo bari bafise amaze kubakira umugore wiwe yaciye amutana abo bana kubera nawe nyene ataco yari yishoboje ndetse ngo inzara yari mu kumwicana n’abo bana. Abo bana rero ngo baciye biyumvira basanga Umukuru w’igihugu iyo ariko atanga imfungurwa kuko vyaboneka ko bamerewe nabi kandi bashonje ngo niko guca bumvikana n’umupfasoni w’Umukuru w’igihugu kubagumya mu kubiyegereza kuko bari bamerewe nabi. Ngo naho mu migambi bari bateguye kurerera abana bakiri inzoya babuze abavyeyi mw’irerero ry’i Buye, abo bandi bavukana barabagumije kuko batari bafise iyo baja kandi bari bamerewe nabi. Rero ngo bashimye kutabatwara mw’irerero kubera haba hariyo abana benshi gutyo bikagorana kubakurikirana neza hamwe n’uko bataba bamenyereye kugaburira abantu bafise indwara zo kurukoba nk’izo bafise. Uwo mwana w’umwaka n’inusu ngo ntaratangura no kwavura bivanye n’uko yabuze ico afungura. Yarangije amenyesha ko kwakira impfuvyi babitumwa n’umutima bafise wo gufashanya, w’impuwe n’ikigongwe. Ubuntu nabwo bagiriwe ngo ni uko bavyumvikanako n’Umukuru w’igihugu hamwe n’abana babo.

Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu arabeshuza ikinyoma kimaze iminsi gica ku rubuga ngurukanabumenyi “Facebook” c’abakoresha izina ryiwe.

Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko amaze iminsi aronka amakete y’abantu benshi barimwo n’impfuvyi avuga ko yabemereye akazi kandi bakavuga ko batanze amahera mbere babikora bakoresheje amasanamu yiwe. Yaramenyesheje abarundi bose ko izo nkuru atarizo, yongera arabagabisha ababwira ko batosubira guhendwa n’abantu baza bakoresha ubwo busuma kuko bahendwa mu kubaka amafaranga, ngo siwe aba yabatumye. Yaheraheje amenyesha ko Face book asanzwe akoresha atariyo kuganira n’abantu ariko ko ari iyo gutanga amakuru.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir