Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibitaro vy’igisirikare vyahawe amanota 99 kw’ijana kubera imirimo yaho itunganijwe neza

treIcegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaragendeye ibitaro vy’igisirikare vyo mu kamenge kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2017 kugira arabe ivyo bitaro ingene bikora yongere arabe n’inyubako yo kwakiriramwo abavyeyi n’abana aho bigeze. Gaston Sindimwo akaba yaciye agendera ibisata bitandukanye nk’ aho bapimira abagendana umugera wa Sida n’abagendana indwara zo mu mutwe, ububiko bw’imiti itandukanye hamwe n’aho bavurira abarwaye bandikiwe ibitaro . Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu yaragarukiye ku murwayi aremvye yakubiswe n’abagizi ba nabi aca amwemerera kuzomuvuza . Uwundi yagarukiyeko ari kumwe n’umushikiranganji w’indero, Janvière Ndirahisha ni umunyeshure Fiston Ndikumana yagize isanganya mu nkino zahuza Afrika y’ubuseruko zabereye mu gihugu c’Urwanda . Gaston Sindimwo yamenyesheje kandi ko agiye kuraba ingene igihugu cofasha uwo munyeshure kuko ari umwana igihugu nyene . Gaston Sindimwo arashima N’abakozi bo muri kandi ivyo bitaro vyo mu kamenge ingene bitwararika abarwayi akabasaba ko bogumana uwo mutima wo gufasha abandi, kandi w’urukundo. Uwurongoye ibitaro vy’igisirikare, Marc Nimburanira yamenyesheje ko iyo nyubakwa yivyo bitaro igeze kure bakaba bakeneye amahera ashika umuriyaridi umwe urenga kugira baheze. Ngo bayaronse umuvyeyi wa mbere yoshobora kuhibarukira kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2017. Gaston Sindimwo akaba yahaye ivyo bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge amanota 99 kw’ijana kubera ibikorwa vyiza bakora.                                                                                     

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir