Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

API : Mu mezi 3 aheze atangurira Umwaka w’ 2017, amashirahamwe 616 yarashinzwe

IMG20Umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahekuyizana mu Burundi API, Didace Ngendakumana yararemesheje ikiganiro ku wa 26 Ndamukiza 2017 ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kumenyesha ivyaranguwe mu mezi atatu aheze y’uwu mwaka w’ 2017. Umuyobozi w’ikigo API, yamenyesheje rero ko mu mezi atatu aheze atangurira uwu mwaka, amashirahamwe 616 yashinzwe biciye mu kibanza kimwe rudende bita «guichet unique» mu gihe hari hashinzwe amashirahamwe 532 mu mezi atatu ya mbere y’umwaka uheze w’2016. Yabandanije amenyesha ko mu mezi 3 aheze, API yatanze impapuro zishika 5 zemerera amashirahamwe akwije ibisabwa n’amategeko gukora. Ngo mu ntumbero yo kurongora no kuyobora neza abanyamitahe, igitabu ndongozi c’abashorera hanze ivyahinguriwe mu bindi bihugu caranditswe kandi kiranemezwa n’ababijejwe. Ngo ico gitabu gituma habaho umuco mu bikorwa vyose vyo gushorera mu makungu kandi kizofasha mu gukuraho inzitizi zahora zigora abarwizatunga bivanye n’uko ari bake bari bazi ibijanye no gushorera mu bindi bihugu. Ngendakumana yamenyesheje ko mu mezi 3 aheze hatanzwe impapuro 65 zitanga uburenganzira bwo kuzana ibikoresho bikuweko amakori ku mashirahamwe 24 yari yakiriwe. Ngo muri iyo ntumbero nyene, imigambi ishika 15 yaragendewe mu ntumbero yo kugenzura ibimaze gushirwa mu ngiro, harihwejwe n’intambwe iyo migambi iteyeko kugirango ikiringo co kuronswa uturusho congerezwe. Ngo igitigiri rusangi c’uburyo bwakoreshejwe mu migambi 12 bwababa amahera y’amarundi angana 51 476 787 557. Ngo ubuzi bwategekanijwe nabwo, ni 397 ni ukuvuga ibice 127% ku buzi bwari butegekanijwe bungana n’312. Ngo vyabonetse ko urugero rwo guheba amakori amwe amwe rwababa ibice 5,6% rw’uburyo bwashizwe mu migambi. Ku bwa Ngendakumana, ngo biboneka ko amakori aheberwa abanyamitahe atari menshi nk’uko abantu bavyibaza.

Aline Kanyana

Ouvrir