Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi bahurira mu bikorwa rusangi n’inkino ngo bahungukira ubucuti

vfgUmushikiranganji w’amaposita, ugutumatumanako amakuru n’ibimenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi yarashimiye cane abakozi ba Reta bari mu bushikiranganji arongoye bitavye ibikorwa rusangi batumiwemwo ku wa 22 Ndamukiza 2017. Ivyo na vyo kwari ugutema ivyatsi biri ahasanzwe hari ivyuma bikorana n’ibigendajuru (satelittes) mu vyo gutumatumanako amakuru bita mu rurimi rw’igifaransa “ station terrienne” vy’ishiramahamwe ONATEL » i Bujumbura. Yarashimiye kandi abasirikare bajejwe gucungera ivyo vyuma bifatanije n’abakozi b’ubwo bushikiranganji muri ivyo bikorwa.Nestor Bankumukunzi yamenyesheje abitavye ivyo bikorwa ko bagiye gutegura uburyo burashe bwo kubandanya ivyo bikorwa kugira ngo bashishikare gukutsa ikivi. Ngo birakenewe ko hoterwa ivyamwa. Ngo ibikorwa bizokurikira kuzoba ari uguca amabango hanyuma haterwe ibiti bigufi bigufi vy’ivyamwa. Yarangije kandi avuga ko itariki yo kwongera guhurira kuri ivyo bikorwa rusangi ngo yoba iyo mu kwezi kwa gatanu. Yasavye abajejwe gutunganya ivyo bikorwa ko borondera ibikoresho vyinshi harimwo n’amasuka. Yasavye abatashoboye kuvyitaba ko ubukurikira iboza ari benshi kuko uguhurira ku kivi bifise akamaro kanini iruhande yo guhurira aho bakorera. Ngo ibihe bituma abakozi bama bahura bigiye gutegurwa na cane cane hakoreshejwe umunsi wa gatanu amasaha yahariwe ukwinonora imitsi. Ngo kazoba ari akaryo keza gatuma abakozi bo mu bushikiranganji bw’amaposita, ugutumatumanako amakuru bama bahura bagameza ubucuti. Mwomenya ko ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’abakozi bari mu bisata vyose bisanzwebikukira mu bushikiranganji bw’amaposita, ugutumatumanako amakuru, uhereye mu biro vy’umushikiranganji, ubuyozi bukuru bw’ibinyamakuru vya Reta (PPB), ABP, ONATEL na Posita tudasize inyuma abakozi ba ONATEL.

Nathan Ntahondi

Ouvrir