Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubumwe mu budasa bw’abarundi ngo ni ubutunzi

sdssUbumwe mu budasa bw’abarundi ngo ni ubutunzi, tugize ubumwe ngo tuzoshika kuri vyinshi mu bisata bitandukanye. Eka ngo ubumwe mu budasa ngo bwatanguye kera aho Imana yarema umugabo n’umugore, ngo bagize ubumwe mu budasa bwabo. Ivyo ni ivyashirijwe n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Réverien Ndikuriyo, ku muhingamo wo ku wa 25 Ndamukiza 2017, mu kiganiro cari kigenewe ingo z’abubakanye b’incabwenge bakorera mu buzi bwa Reta no mu mashirahamwe y’abikorera ivyabo, ico kiganiro cari catunganijwe n’ishirahamwe ry’abakristu bahurikiye mu mashengero atandukanye MAC, ku civugo ngenderwako mu myaka 10 iri imbere « ubumwe mu budasa », kikazoshika mu mwaka w’2026. Nk’uko umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi, Réverien Ndikuriyo yabandanije abishikiriza, ngo ibishobora gutandukanya abantu ni amadini, intara, abatu nzi, abera n’abirabura, amoko, ariko ngo ivyo vyose bibaho, inyuma y’imyaka 120, ngo bose baba bangana kubera ko ata muntu arenza iyo myaka. Ico civugo ngo kije hageze kubera ko Reta iriko iragerageza kuraba ivyatumye abarundi basubiranamwo. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba yagiye yemeje ko bazoshigikira MAC mu gikorwa co guhuza abarundi mu budasa bwabo.Mu nyigisho yatanze, ngo ubumwe bwamye buhiro mu Burundi, ikimenyamenya ngo ni uko Bihome yemeye kwambara impuzu z’umwami kugira apfe mu kibanza ciwe, aho igihugu cari catewe. Mu gihe ku vyerekeye urwaruka rwo mu mashure bivurwa ko mu mwaka w’ishure w’2015 ushira uw’2016, abigeme 4500 aribo batwaye inda z’ishushu, abavyeyi rero ngo bakwiye kugarukira indero y’abana babo. Eka ngo abarundi bamaze gusa, ntaco boheza ngo bamariranire, ngo ubwo budasa nibwo butuma twuzuzanya, umwe wese muvyo ashoboye. Uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe MAC, Aimé Pascal Nduwimana yavuze ko ico civugo bagitoye bisunze ibihe igihugu giherutse gucamwo. Ku bwiwe rero, ngo nta mpamvu n’imwe yari gutuma abarundi bahangana hagati yabo. Eka ngo ubudasa bw’abarundi ngo ni ubutunzi. N’abavugabutumwa bo mu gihugu ca Kenya batanze inyigisho nabo nyene baragarutse ku budasa bw’abarundi mu bumwe bavuga ko ari ubutunzi. Umuyobozi mukuru w’ibanki KCB, umupfasoni Gloria Nyambuka yishimikije ivyanditswe na Paulo mutagatifu, ngo dukwiye kwuzuzanya mu budasa bwacu tudashize imbere intege nke z’umwe wese. Vyongeye, afatiye ku vyanditswe na Luka, mu kigabane ca 6, kuva ku murongo wa 27 gushika ku murongo wa 30, haranditswe ko twokunda abansi bacu, tugahezagira abaduhama. Uwugukubise ku musaya umwe, ngo ni ukumuha uwundi. Eka ngo abarongozi bakwiye gukunda abo bajejwe kurongora, abanyagihugu nabo bakubaha abategetsi. Tubamanyeshe ko ivyo biganiro vyari vyitabwe, n’abategetsi batandukanye, aho twovuga umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi, Réverien Ndikuriyo, umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Déo Misigaro

Ouvrir