Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka : Integuro y’ibwirizwa rigenga ingabire y’imiriyoni 50 z’amadorari y’abanyamerika yaremejwe

mloKu muhingamo wo ku wa 26 Ndamukiza 2017, Inama Nshingamateka yaratoye integuro y’ibwirizwa rigenga ingabire y’Ibanki y’isi y’imiriyoni 50 z’amadorari y’abanyamerika azofasha mu gisata c’amagara y’abantu mu mugambi Kira, ku majwi 96 kuri 96, ni ukuvuga abashingamateka 92 bari bahari hamwe na 4 bari batumye. Iyo ngabire izokoreshwa kuva muri Mukakaro 2017, mu kiringo c’imyaka 4 kuva mu mwaka w’2017 gushika mu mwaka w’2021. Ivyo bikorwa vyari birongowe n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda. Nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza sida, Josiane Nijimbere yatanguye abishikiriza ariko atanga imvo n’imvano y’iyo nteguro y’ibwirizwa, ngo iyo ngabire y’imiriyoni 50 z’amadorari y’abanyamerika izokoreshwa mu mice itatu. Umuce wa mbere w’iyo ngabire, imiriyoni 40,60 z’abanyamerika, ni ukuvuga ibice 81%, uzofasha mu mugambi wo kuvura abana bari munsi y’imyaka 5 hamwe n’abavyeyi bibaruka. Vyongeye, ngo uwo muce uzofasha kuriha ibitaro canke amavuriro mato mato muri bimwe vyo gutanga uturusho bafatiye mu guhiganwa ku kwitanga mu kuvura abarwayi. Umuce ugira kabiri w’iyo ngabire, ugizwe n’imiriyoni 8,40 z’amadorari y’abanyamerika, ni ukuvuga ibice 17%, azofasha gukarihiza ubwenge abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu na cane cane abazoba bajejwe gushira mu ngiro umugambi Kira, kugenzura uko amavuriro akora hamwe no kuronsa ibitaro n’amavuriro mato mato ibikoresho vyo guturira imicafu yo kwa muganga « incinérateurs », mu ntumbero yo gukingira ibidukikije.Umuce ugira gatatu w’iyo ngabire y’umuriyoni w’amadorari y’abanyamerika, uzofasha kuronsa ibikoresho bitandukanye amashure yisumbuye y’ubuvuzi hamwe n’abaremeshakiyago bazoronswa ibikoresho bizobafasha mu gikorwa co guhimiriza abanyagihugu kwitura amavuriro igihe cose bakitswe n’amagara. Mu bibazo vyabajijwe umushikiranganji w’amagara y’abantu, barashatse kumenya uko bagiye gukorana n’abarongoye amashengero mu gikorwa co guhimiriza abanyagihugu kugira bijukire ubuhinga bwo kuvyara ku rugero. Kuri ico kibazo, umushikiranganji yamenyesheje ko ukuvyara abo udashoboye kurera uba ugiye kubiri n’ibitabu bitagatifu. Eka ngo naho Imana yarema isi, yahaye itegeko umuntu rwo gutunganya neza isi n’ibiriko. Muri ivyo bibazo, abashingamateka barasavye ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwofasha guhimiriza urwaruka rwo mu mashure yisumbuye kwirinda gutwara inda z’ishushu. Aho umushikiranganji Josiane Nijimbere yamenyesheje ko muri ico gikorwa bazofashanya n’ubushikiranganji bw’indero, ubw’urwaruka n’imico hamwe n’ubwo gushigikirana, n’abandi. Mwomenya ko n’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yihweje yongera iremeza iyo nteguro y’itegeko rigenga ingabire y’imiriyoni 50 z’amadorari y’abanyamerika azofasha mu gisata c’amagara y’abantu. Iyo nteguro ikaba yemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka bari bitavye hamwe n’abari batumye.

                                                                                                  

Déo Misigaro na

Estella Niyongere

Ouvrir