Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka : Ibiganiro hagati y’abarundi bibera i Arusha ngo vyotebuka, ivy’ubudahangarwa bikabazwa urwego rubujejwe

poiInama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’Uburundi zarasozereye ibikorwa vyazo vyo mu kwezi kwa Ndamukiza 2017, aho mu majambo yashikirijwe, umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yibukije umuhuza mu biganiro hagati y’abarundi bibera i Arusha, William Mkapa ko ubudahangarwa butangwa n’abaserukira abenegihugu babatoye mu gihe Révérien Ndikuriyo arongoye Inama Nkenguzamateka we yasavye ashimitse ko ibiganiro bibera hanze y’igihugu vyonyaruka.

Inama Nshingamateka iributsa umuhuza w’abarundi ko ubudahangarwa ko urwo rwego arirwo rutanga ubudahangarwa

Inama Nshingamateka y’Uburundi ngo irashigikiye umuhuza mu matati y’abarundi, Benjamin William Mkapa mu gikorwa co guhuza abarundi, ariko rero yisunze ingingo y’171 y’itegeko inomero 1/05 ryo ku wa 22 Ndamukiza 2009 risubiramwo igitabu mpanavyaha yaribukije umuhuza w’abarundi ko ubudahangarwa budatangwa n’urwego rw’Umukuru w’igihugu, ubwo budahangarwa butangwa n’Inama Nshingamateka iserukira abarundi bose. Ivyo ni bimwe biri mw’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda, ku wa 28 Ndamukiza 2017, aho hariko hasozerwa ibikorwa bisanzwe vyo mu kwezi kwa Ruhuhuma. Akaba yarasozereye icese ibikorwa vy’urwo rwego yisunze Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi mu ngingo yaryo y’174 hamwe n’itegeko rigenga Inama Nshingamateka y’Uburundi mu ngingo yaryo ya 53. Muri ico kiringo, Inama Nshingamateka y’Uburundi ngo yarize irongera iratora integuro z’amabwirizwa 7 hamwe n’irigenga amakoperative ryizwe ubugira kabiri. Muri izo nteguro z’amabwirizwa, harimwo ayakura amatagisi ku bifungurwa kugira ibiciro bigabanuke muri kino gihe abarundi bugarijwe n’inzara yaturutse ahanini kw’ihindagurika ry’ibihe, aho vyatumye mu gihe c’irima ry’agatasi batimbura. Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi, ngo Inama Nshingamateka y’Uburundi irashigikiye igikorwa c’umuhuza w’abarundi, Benjamin William Mkapa ariko banamwibutsa ko ubudahangarwa budatangwa n’urwego rw’Umukuru w’igihugu, ahubwo butangwa n’Inama Nshingamateka yo ijejwe gutora amategeko. Vyongeye, ngo ivyo biganiro bihuza abarundi ngo vyo kwisunga ingingo 2248 y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU imenyesha ko ivyo biganiro biraba abo bose badakoresha inguvu mu gutorera umuti amatati y’abarundi. Ngo nico gituma Inama Nshingamateka yiyamirije ingingo yo gusabira ubudahangarwa kuri abo bose bagize uruhara mw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015. Ubwo budahangarwa ngo baburonkejwe abaciriwe imanza bari basangiye uwo mugambi ngo boba basa n’abarenganijwe kubera ko bobo bariko bakora umunyororo. Icifuzo ngo ni uko abo bose bari mu mahanga nabo nyene bagirizwa icaha nk’ico hokorwa ibishoboka vyose kugira bazanwe mu gihugu kugira bacirwe imanza mu ntumbero y’uko abo bose bagifise agatima ko gushika ku butegetsi bakoresheje inguvu bovavanura n’iyo ngendo. Iyo ngendo yo gushika ku butegetsi hakoreshejwe inguvu ngo niyo yatumye abarundi bacanamwo kuva mu mwaka w’1962, inyuma y’aho igihugu cari gihejeje kuronka intahe yo kwikukira. Tubamenyeshe ko umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda yasozereye ijambo ryiwe yipfuriza akaruhuko keza abashingamateka n’umusi mukuru mwiza w’akazi n’abakozi hamwe no kwegera ababatoye kugira babashikirize ivyiyumviro vyabo.

Inama Nkenguzamateka isaba ko ibiganiro bibera hanze y’igihugu vyonyaruka

Inama Nkenguzamateka isaba ko ibiganiro bibera hanze y’igihugu vyonyaruka kugira ivyiyumviro bizovayo bishirwe hamwe n’ivyavuye hagati mu gihugu. Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka Révérien Ndikuriyo ku wa 28 Ndamukiza 2017 mu gihe yariko arasozera ibikorwa vy’urwo rwego vyo muri Ruhuhuma 2017. Urwo rwego rusaba Reta n’umuhuza w’abarundi koiciyumviro co kugirira ikigongwe abashatse gutembagaza ubutegetsi cosubizwa iyo caje kiva kuko ngo ata gusasira ikibi indava. Yamenyesheje kandi ko Inama Nkenguzamteka yagendeye abanyagihugu, iriga yongera iratora amabwirizwa 7, iragenzura ukungene Reta ikora yongera iremeza abarongozi bakuru bakuru Umukuru w’igihugu yipfuza kugena mu mabanga amwe amwe nk’uko Ibwirizwa Shingiro ribitegekanya. Yarashimiye abakenguzamateka babaye hafi abanyagihugu mu kubafasha kurangura imigambi na cane cane mu guhanura abarimyi gufata ingendo nshasha yo kurwanya inzara n’ubukene biciye mu kuvomera imirima n’aborozi mu ntumbero yo guhangana n’uruzuba rwatse. Yarongeye amenyesha ko mu bikorwa vyo mu kwezi kwa Ruhuhuma 2017 Inama Nkenguzamateka yaronse akaryo ko gutegura umwiherero wabereye muri kmine Bukirasazi, intara ya Gitega kugira yirimbure ingene irangura amabanga yayo ya minsi yose. Uwo mwiherero wari ufise icivugo kivuga kiti : « Tubumbatire amahoro n’umutekano, dufate mu minwe iterambere ryacu ». Ngo baraciye irya n’ino ibijanye n’imvugo iremesha, Reta ishingiye ku bumwe, akaranga n’imico vy’abarundi. Bararabiye hamwe ivyoba biranga Ibwirizwa Shingiro ribereye kandi bariyemeza guterera agacumu k’ubumwe kugira Uburundi bugengwe n’Ibwirizwa Shingiro ribereye, rijanye n’ibihe tugezemwo kandi rizomara igihe kinini. Bararavye n’ico boterera mu kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta. Ukugene bobungabunga amahoro n’umutekano nk’abatowe n’abanyagihugu. Barigiye hamwe n’ivyo bofasha abanyagihugu kugira bifatire mu minwe iterambere ryabo. Aho rero abakenguzamateka ngo baboneyho akaryo kandi ko gutera akamo abanyagihugu ngo babandanye gukorera mu murwi w’inyabune, barwanye abasuma n’abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho ata kindi barota atari ugusubiza mw’ihumbi igihugu mu guhungabanya umutekano. Mu mugambi wo kwigisha abanyagihugu guhinduka naho ngo baragendeye amakomine atari make mu ntumbero yo gutanguza isekeza ryo kwigisha urwaruka ukugene rwohindura ingendo mu kuvavanura n’ingeso igayitse yo gutwara inda bakiri bato kandi bakiri ku ntebe y’ishure.

Déo Misigaro na

Epitace Nduwayo

                                                                                      

Ouvrir