Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Cibitoke : Amabarabara agiye gusanurwa, isoko ya kijambere nayo yubakwe mu Rugombo

koilKW’IGENEKEREZO rya 11 Ndamukiza 2017, umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu, hamwe n’ibikorwa vya Reta ari kumwe n’umuyobozi mukuru ajejwe amabarabara , Vincent Nibayubahe, yaratanguje icese ibikorwa vyo gusanura ibarabara riva ku Ndava rigaca i Buhayira rigashika i Ndora, rikaba rifise uburebure bw’ibirometero 22,5 n’ibikorwa vyo gusasa amabuye mw’ibarabara ry’ibirometero 8 rizokikuza umuji wa Cibitoke hamwe rero n’ibikorwa vyo kwubaka isoko ya kijambere kandi y’igorofa ku murwa mukuru wa komine Rugombo. Mw’ijambo umushikiranganji Jean Boso Ntunzwenimana yashikirije rijanye n’uwo munsi yaramenyehseje ko ivyo bikorwa vyose bizotunganywa ku mafaranga y’amarundi yababa imiriyaridi cumi n’imwe n’imiriyoni amajana atanu (11.500.906.995 FBu).Ayo mafaranga akaba yatanzwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD) mu ntumbero yo gufata mu mugongo Reta y’Uburundi mu migambi yayo yayo y’iterambere. Ivyo bikorwa rero ngo vyaje guherekeza wa mugambi mpuzamakungu wo kwubaka ibarabara rikuru rica mu Rugombo rivuye ku Ruhwa risanzwe rikomeza ubucuti no guhanahana ibidandazwa hagati y’ibihugu vya Kongo, Urwanda, Uburundi na Tanzaniya. Ngo mu gisata c’amabarabara no mu bindi bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu c’Uburundi, Reta ihafitiye umwitwarariko munini kugira bishobore kubandanya bigira ubuzima bwiza abarundi nabo bashobore gutera imbere. Umushikiranganji Jean Boso Ntunzwenimana yarashimiye i banki y’iterambere rya Afrika (BAD) ku kungene yama ishigikira igihugu c’Uburundi mu migambi y’iterambere ikaba ari nayo nyene izofasha kuzorangura ivyo bikorwa. Yarongeye kandi ashimira n’amashirahamwe y’ubutunzi hamwe n’ibihugu bibandanya bibafata mu mugongo mw’irangurwa ry’iyo migambi. Ivyo bikorwa vyo kwubaka amabarabara kandi ngo bizorangurwa n’ishirahamwe GETRA, nayo ishirahamwe ECBROH naryo rikaba rizokwubaka isoko rya kijambere ryo muri komine Rugombo, bikazokorwa mu kiringo c’amezi 10 n’uburyo bungana n’imiriyaridi cumi n’imwe n’imiriyoni hafi amajana atanu n’imwe z’amafaranga y’amarundi. Yaboneyeho akaryo ko gusaba abanyagihugu n’abarongoye   amakomine ivyo bikorwa bizorangurirwamwo kuzokworohereza ayo mashirahamwe mu vyerekeye umutekano w’abakozi n’ibikoresho vyabo. Yaranasavye abarongozi b’intara ya Cibitoke guhimiriza abanyagihugu kubungabunga inyubakwa za Reta hamwe n’amabarabara. Uwaserukiye ibanki y’iterambere rya Afrika (BAD), Sibaye Joel Tokindang nawe mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko ivyo bikorwa ari ivyavuye mu ntererano iyo Banki yahaye Reta y’Uburundi mu 2009 ingana n’amadorari y’abanyamerika angana hafi imiriyoni 67. Ngo ayo mahera akaba yakoreshejwe mu kwubaka ibarabara rya kaburimbo riva i Nyamitanga gushika ku Ruhwa ku rubibe ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda bisangiye, aho iryo barabara ribandanya rija mu gihugu c’Urwanda. Ayo mahera ngo yakoreshejwe neza kuko yacagutseko imiriyaridi zirenga 20 z’amafaranga y’amarundi. Reta ngo ikaba yaciye isaba ko ayacagutseko yokoreshwa mu ntara ya Cibitoke hamwe no gusanasana ivyononekaye mu ntara ya Bujumbura igihe hagwa imvura y’isegenya mu 2014, ayandi nayo agakoreshwa mu kugura ivyuma bishasha bifasha kugenzura ingenzi ku mipaka ya Gasenyi, Ruhwa no ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Ivyo bikorwa rero ngo bigiye kuzorangurwa muri iyo ntara ngo bikaba bizoteza imbere ubuzima bw’abanyagihugu. Yasoreye ijambo ryiwe amenyesha ko haheze igihe kitari gito iyo banki BAD ifata mu mugongo Reta y’Uburundi mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere itandukanye, yongera aranashimira Reta y’Uburundi ku kungene yabiyumviriye muri ivyo bikorwa vy’iterambere bigiye kurangurwa muri iyo ntara ya Cibitoke.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir