Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umutekano ngo wifashe neza mu gihugu cose

wxqcUmutekano ngo wifashe neza mu gihugu cose naho hagiye haribonekeza abagizi ba nabi bagomba kuza barawuhungabanya.   Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni igihe ariko arashikiriza ibikorwa vyaranguwe mu mezi atatu uwu atangurira mwaka w’2017. Aho hari kw’igenekerezo 13 Ndamukiza 2017. Umushikiranganji w’umutekanorero muri rusangi yamenyesheje ko umutekano wifashe neza mu gihugu cose naho hagiye haribonekeza utunenge tumwe tumwe .Ngo mu bikorwa bagiye barakora bararwanije ubusuma bwagiye buraba aho biba bitwaje ibirwanisho. Ngo baragerageje kurwanya abadandaza inzogazitemerewe n’amategeko n’ibiyayuramutwe, . Yaravuze kandi ko hakozwe ibikorwa vyo gusaka, baratora ibirwanisho bitari bike . Ngo hashika1600 mu gihugu, baratora inkoho z’ubwoko butandukanye. Yarongeye aramenyesha ko batoye ibirwanisho bike kubera isaka ryabandanije rikorwa hose . Yarongeye aramenyesha ko mu mugambi wo kurwanya inzoga zitemewe n’amategeko basheshe amaritiro arenga 200. Ngo barongeye barafata inkozi z’ikibi bamwe muri bo barakorewe amadosiye kugira ubutungane bukore. Yaravuze kandi ko basambuye imirwi yabagizi banabi ishika 67 hafatwa abashika 1647. Barongeye barafata ibiro bishika 251 vy’urumogi. Ngo barashizeho umurwi w’abaporisi urwanya itera bwoba . Ngo bararwanije ibiturire vyagiye biraba hirya no hino. Muri ivyo bikorwa vyo kurwanya ibiturire ngo harafashwe ubutare 1500 bugira bujabuke mu bihugu vyo hanze hongera hafatwa ibitenge , imiduga, amavuta, inzoga z’injabukamazi   hamwe n’amata. Ngo mu gukingara ibidukikije barateye ibiti muntara za Bujumbura   na Makamba. Mu vyerekeye impanuka barigishije abanyagihugu barababwira ingene bokwkingira impanuka.

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir