Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CENI:Imyiyamamazo yo guhiganira intebe y’umukenguzamateka mu ntara ya Muramvya izotangura ku wa 18 Ndamukiza 2017

vbnIcegerea c’umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatota (CENI ), umupfasoni Annociate Niyonkuru amenyesha ko imyiyamamazo yo guhiganira intebe y’umukenguzamateka mu ntara ya Muramvya izotangura ku wa 18 Ndamukiza ikazorangira ku wa 1 Rusama 2017. Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2017, Annonciate Niyonkuru yamenyesheje kandi ko itunganywa ry’iyo myiyamamazo riri mw’itegeko inomero 100/68 yo ku wa 5 Ndamukiza 2017 Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA aherutse gushirako umukono, rivuga ko ico gikorwa co kwiyamamaza kizotangura itariki 18 Ndamukiza 2017 kikazorangira itariki 1 Rusama 2017. Ikindi naco ngo ni uko imigambwe CNDD-FDD na PAJUDE yemerewe kuja muri vyo bikorwa vyo kwiyamamariza iryo tora ariyo yonyene yashikirije umurwi CENI intonde   z’abashaka guhiganira ikibanza c’umukenguzamateka azosubirira umushikiranganji Célestin Ndayizeye yahora murico kibanza akaba yari yatowe mu ntara ya Muramvya. Iryo tora rero ngo rikaba rikazoba kw’igenekerezo rya 4 Rusama 2017. Annociate Niyonkuru akaba yaratangaje icese abashimye kuja muri iryo higanwa aribo:Claver Nduwimana; Fébronie Nizigiyimana,bompi bava mu mugambwe CNDD-FDD. hamwe na Pascal Nkunzumwami na Gilbert Ngendakuriyo bompi bava mu mugambwe PAJUDE Yaranamenyesheje ko ibimenyetso vy’iyo migambwe bizokoreshwa muri iryo tora ry’umukenguzamateka vyamaze gushikirizwa urwo murwi, itariki ya nyuma nayo yo kumenyesha urwo rwego abashaka kwitoza hari 5 Ndamukiza 2017. Yarangije amenyesha ko inama zizoba zerekeye ukwiyamamaza mu vyerekeye amatora zibanza kumenyeshwa musitanteri wa komine ziberamwo hasigaye amasaha 24 imbere yuko ziba. Abazoja gutora nabo bakaba ari abajenama b’inama z’amakomine yose batowe muri iyo ntara mu kiringo c’amatora ya 2015 gushika 2020.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir