Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibanki nkuru y’igihugu n’amabanki y’ubudandaji yiyemeje guterera mw’isekeza ry’isarura ry’ikawa ry’umwaka w’2017 ushira uw’2018

xdfwMu gihe abarimyi b’ikawa bariko barayamura bongera bayishora ku mahinguriro hirya no hino mu gihugu, ibiro vy’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu vyaratunganije inama, ku wa 11 Ndamukiza 2017 mw’ihoteri Source du Nil, yahuje abasanzwe baterera mu gisata c’ikawa. Iyo nama yitabwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi n’uw’ubudandaji, n’abarongozi bakuru b’amabanki n’abaserukira inani z’amashirahamwe y’abarimyi, n’izindi ndongozi z’igihugu zitandukanye. Ijambo nyamukuru ry’uwo munsi ryashikirijwe n’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore,aho yabanje gushimira abari bitavye iyo nama aca agaruka ku ngorane zaranze isekeza ryo kwimbura ikawa ryo mu mwaka w’2016 ushira uw’2017. Ngo ico gihe c’isarura ry’ikawa caranzwe no kubura amafaranga yo gukoresha aho mbere abaranguzi b’ikawa batashoboye gushimisha neza abarimyi b’ikawa. Ngo ni co gituma abegwa bose n’igiterwa c’ikawa ivyo vyobabera icigwa kugira ngo uwu mwaka bene izo ngorane ntizizosubire gushika. Kuko ngo ivyo bituma haba ukudebukirwa kumurimyi w’ikawa. Joseph Butore yaramenyesheje kandi ko ku vyerekeye isarura ry’ikawa ry’umwaka w’2017 ushira   uw’2018 riteye ku ntambwe ishimishije mu turere tw’Imbo, Mumirwa na Bugesera. Ngo gushika ubu hamaze kuboneka ikawa y’ibitumbwe ingana n’itoni ibihumbi cumi n’umunani (18.000 )mu gihe mw’isarura ry’ikawa ryo mu mwaka w’2016 ushira uw’2017 habonetse ikawa y’ibitumbwe ingana n’amatoni 16.000. Inyuma y’ijambo ry’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, abari bitavye iyo nama baciye bahanahana ivyiyumviro. Abaserukira amabanki biyemeje ko bazokora ibishoboka kugira ngo batange ingurane zizofasha kugura ikawa y’abenegihugu. Ariko kandi barashikirije icivumviro ko ivyo vyose bazobikora habaye ukwumvikana hagati y’amabanki atanga ingurane n’ibanki nkuru y’igihugu ku kugene ivyo bitegerezwa gukorwa, mbere uwuserukira ibanki nkuru y’igihugu (BRB), akaba yasavye ko inama yokwihwerezamwo ingene ico gikorwa cokorwa ku nyungu ya bose yoca iba uwo munsi nyene.Abari bitavye iyo nama baciye bafata ingingo zizofasha mw’isekeza ryo gusarura ikawa y’uwu mwaka w’2017 ushira uw’ 2018. Izo nazo ngo ni ugutunganya neza ibijanye n’amatagisi yo muri komine angana n’amafaranga 11 ku kiro c’ikawa y’ibitumbwe ; integuro z’ingene amahinguriro yakira ikawa ategerezwa gukora no kurondera amafaranga y’agaciro akenewe. Ngo kandi umurimyi w’ikawa azohembwa incuro imwe kugira ngo aronswe amafaranga akwiye ashobora nawe kwikenura.

Nathan Ntahondi

Ouvrir