Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Indwara ya marariya nta handi nahamwe ishobora kuvurirwa atari kwa muganga

IMG 20170321 120447Indwara ya marariya ni indwara yica abantu benshi, mu mwanya muto kandi ata handi ishobora kuvurirwa atari kwa muganga.Itegwa n’umubu w’ingore ukaba ukunda kuba ahantu hari ibidengeri vy’amazi, ahari ibigunda canke ishamba kandi hashushe. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuhinga mu bidukikije akaba arongoye n’ishirahamwe ryishinze kurwanya marariya Aluma Burundi Albert Mbonerane mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Ubumwe. Yamenyesheje ko nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA yabishikirije, indwara ya marariya yabaye ikiza ngo si ivy’imbeshere kuko mu mwaka uheze w’2016 harapfuye abantu bagera ku 3.774 bishwe na marariya bari kwa muganga ariko rero ibiharuro birarenga ngaho kuko hari abapfa batagiye kwa muganga bibaza ngo ni uburozi bagaca birukira ba rumenyi. Ubu rero ngo bariko bagirisha abanyagihugu, babigisha uko marariya ifata babatera akamo igihe cose babonye ikimenyetso banyaruke kwa muganga kuko ata handi hantu na hamwe havurigwa marariya. Yamenyesheje kandi ko marariya ari indwara ikira ningoga mu gihe umuntu ayivuje hakiri kare agafata n’imiti ku rugero muganga yamubwiye.Muri ico kigo ALUMA arongoye bariko barita ku rutare kugira baterere agacumu k’ubumwe mu kurwanya iyo ndwara kuko bakira abantu, batishoboye bakabavura ku buntu iyo umurwayi bamutoye marariya naho ugasanga ntashobora kugura umuti bamwandikiye baraheza bakawumuha.Ngo bari bafise iciyumviro co kwubaka ibindi bigo mu yandi ma komine kuko hari abantu baza kubitura bavuye kure ariko ngo basanze bitoroshe kuko bisaba uburyo bwinshi.Ngo aho hambere indwara ya marariya wayisanga mu kiyaya c’Imbo kuko umubu ukunda kuba ahantu hashushe kandi hari ibidengeri vy’amazi mu kiyaya naho hakaba ariho harimwa umuceri imibu igaca yiberamwo neza. Ariko n’aho vyari uko aho hambere baragerageza kuyirwanya kuko hariho indege zahora zija zirapompa muri iyo miceri kugira bice imibu bakoresheje imiti yitwa DDT ariko bakaba basanze uwo muti nawo harico wonona mu bidukikije . Muri kino gihe rero iyo ndwara ikaba yarakwiye igihugu cose kuko mu bice bitari bike vy’igihugu harabaye imigambi y’iterambere ihimiriza gutera umuceri ariko bibagira imigambi yo kurwanya imibu yarikamwo.  Kukaba nkako ikindi catumye imibu irwirirana ni ihindagurika ry’ibihe kuko nk’ahantu wasanga kera hakanye cane ubu vyarahindutse kubera isi itacambaye nk’uko bikwiye haca haba ubushuhe bigatuma umubu wiberaho neza .Mbonerane akamenyesha ko hari umugambi wakozwe werekana ko hamwe tudakanuye neza mu mwaka w’ 2031 gushika mu w’ 2061 atagikozwe ngo dukingire ibidukikije Uburundi bwose buzoba bwuzuye marariya. Ariko n’aho biri uko ntihohebwa kurima umuceri kuko n’inzara irafise uruhara kugira marariya irwirirane kuko iyo umuntu ashonje nta basoda bakwiye aba afise bo kurwanira umubiri ku buryo umubu umuriye ukamutera marariya aca apfa kuko aba afise amaraso make atavuwe n’ingoga.Yamenyesheje ko kuva uno mwaka utanguye hamaze gupfa abantu barenga 700 bahitanywe na marariya. Aca arangiza   ashimira Reta yo yemeye kumenyesha abarundi n’amakungu ko marariya yabaye ikiza kugira bayihagurukire ariko aca ayisaba ko amavuriro yose yaba aya Reta canke ay’ abikorera yo mu gihugu bovura kandi bagatanga imiti ya marariya ku buntu bakongera bagashira amagara y’abantu imbere ya vyose mu migambi y’igihugu kuko ni indwara yica abantu benshi hatibagiwe ababa basanzwe barwaye nk’umugera wa Sida. Yaranasavye ko isekeza ririko riraba ryo gutanga imisegetera mu gihugu ryoherekezwa no gupompa ahantu hose abantu bateramira nko mu bubare n’ahandi kuko n’aho ngo bisaba uburyo bwinshi n’umuntu afise agaciro kanini kuko amahera akoreshwa mu kugura imisegetera n’imiti mu myaka iri imbere azokoreshwe mu bikorwa vy’iterambere.             

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir