Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakanyezi bajejwe amabanga akomeye basabwa kubera akarorero keza abo barongoye

mpoAbakenyezi b’abarongozi basabwa gutanga akarorero keza kubo barongoye mu mirimo ya minsi yose mu gutonda ku masaha kandi birinde icaha c’ubusambanyi mu ntumbero yo kugumya ibibanza barimwo. Izo ni zimwe mu mpanuro zatanzwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA, ku wa 8 Ndamukiza 2017, mu kiganiro yaremesheje ku bakenyezi bari mu mabanga akomeye y’igihugu, izo nyigisho zari zishingiye ku bintu bitatu : amagara y’abantu, irwirirana ry’abantu hamwe n’ibintu biranga umugore w’ubwenge. Nk’uko umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yahanuye abo bakenyezi b’abarongozi, ngo umugore w’ubwenge ntasambana kugira agumye amabanga yajejwe. Eka ngo nk’abarongozi b’abakenyezi, bakwiye kubera akarorero keza abo bajejwe kurongora mu kazi batonde ku masaha ndetse banirinde kurya ibiturire. Vyongeye, ngo umugore w’ubwenge ateramira amahoro n’umutekano na ntaryo bame baganira n’abo bubakanye hamwe n’uruvyaro rwabo ku bijanye no kwirinda icaha c’ubusambanyi. Ku bijanye n’amagara y’abantu, ngo ikiza Sida cibonekeje ubwa mbere mu Burundi mu mwaka w’1983, kuva ico gihe abajejwe intwaro barashizeho inzego zo kurwanya ico kiza. Nk’abakenyezi b’abarongozi, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yabateye akamo ko kwirinda ico kiza ku bagendana uwo mugera nabo birinde kuwanduza abandi. Mu gihe muri ico kiganiro harimwo abatowe n’abanyagihugu, basabwe guhimiriza ababatoye kwipimisha no kwikingira ico kiza. Ku bavyeyi bibungeze nabo, ngo begere abaganga kugira babafashe gukingira umwana ari mu mbanyi na cane cane mu kwipimisha uwo mugera mu mezi atatu ya mbere y’imbanyi. Ku bijanye n’indwara yo mu kigo, ngo iyo ndwara irahari kubera ko uko umwaka utashe ifata abakenyezi 750. Nk’abatowe, yabasavye guhimiriza abakenyezi kwibarukira kwa muganga, ngo niyo nzira yo kurwanya iyo ndwara hamwe no kwirinda kuvyara ku bakobwa bakiri bato. Vyongeye, ngo bohimiriza abakenyezi kwirinda kuvyara urutavanako, kuvyara ku rugero, ivyo ngo biri mu bintu vyofasha kurwanya iyo ndwara. Mu gisata c’amagara y’abantu, ngo bofasha gukwiragiza mu babatoye ibijanye na kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko na cane cane mu kwirinda imibonano mpuzabitsina n’abagabo benshi kandi bongere banayipimishe. Mu gisata c’imibano, irwirirana ry’abantu ngo ni ikibazo gihanze abarundi. Ivyo ngo bikabonekera ku kuntu amatongo yaze, aho nko mu ntara ya Kayanza babura aho barima n’aho bubaka. Vyongeye, ngo izindi ngaruka mbi zifatiye ku ndyane aho usanga umwana yica umuvyeyi wiwe bapfa amatongo, n’ibindi. Nk’abatowe ngo bakwiye kukigira ikibazo cabo, bafashe guhimiriza abanyagihugu kwijukira umugambi wo kugabanya imvyaro. Mu gihe umugore ari umufasha w’umugabo, ngo umugore ategerezwa kuzana inkomezi zivuye mu bwenge. N’abarundi barayamaze ngo uwuza guhusha itunga ahusha umugore. Umugore w’ubwenge ngo ni umugisha mu rugo. Bisubiye, ngo umugore w’ubwenge yubaka urugo rwiwe, igipfu naco kirusambuza amaboko yiwe. Eka ngo ubwenge nibwo bwukaba urugo, ubukerebutsi nabwo bukarukomeza. Umugore w’ubwenge amenya kuroranya ibintu, kimwe cose agiha umwanya waco. Umugore w’ubwenge n’uw’igiciro mu kibano no mu kazi. Igihugu ngo gifise abagore b’ubwenge, ngo kiba mu mahoro kubera ingo ziri mu mahoro. Vyongeye, ngo umugore w’umunyabwenge itara ryiwe ryama ryaka. Agira ijambo ry’Imana muriwe ngo rikamumurikira aho aca hose. Umugore w’umunyabwenge ngo aha ikiganza Imana, guha umworo ngo bisa no kugurana Imana. Tubamenyeshe ko mu gusozera, uwurongoye igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa yasavye umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ko mu bindi biganiro bizokurikira yotumira n’abashingantahe babo kugira basangire izo nyigisho.

   Déo Misigaro

Ouvrir