Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amavuriro n’amadandarizo y’imiti adakwije ibisabwa n’amategeko agiye kwugarwa

xcvfdsxKw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2017 niho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida buserukiwe n’uwurongoye ubugenduzi bukuru bw’amagara y’abantu bafadikanije n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwatangura isekeza ryo kwugara amavuriro, amadandarizo y’imiti n’amarori bidakwije ibisabwa n’amategeko.Umugenduzi mukuru w’amagara y’abantu Providence Munezero yamenyesheje ko ivyo bitanguriye mu gisagara ca Bujumbura aho hategekenijwe kugarwa amavuriro n’imangazini z’imiti n’amarori 28 kuko mw’igenzura bakoze basanze hari abadafise uruhusha rwo gukora ,aho bakorera hadatunganijwe neza , ibikoresho vyankenerwa bidakwiye canke ugasanga mbere n’abakozi bakoresha nta bumenyi babifitiye. Ariko n’aho biri uko hariho abari bafise uruhusha rwo gukorera ahantu hamwe n’ibidandazwa bumvikanyeko ariko usanga baciye bugurura ahandi nka 3,4 canke 5 hatari mu hasabiwe urwo ruhusha bahawe, ugaca usanga n’abakozi bapfa abo bahaye akazi bataravye ko babifitiye ubumenyi .Ivyo bikorwa rero vyatanguriye mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Kamenge, Kinama na Buterere muri komine Ntahangwa ariko kikazobandanya mu gihugu cose. Yamenyesheje ko uwo bugariye wese bamuhaye ikete rimumenyesha ivyo ategerezwa guhinyanyura muvyo asanzwe akora hanyuma ababihejeje bazoheza bandikire ubushikiranganji babumenyeshe ko ivyo yasabwa yabikoze baheze babugururire basubire gukora kuko batabikurikije boba bariko babangamira amagara y’abantu.

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir