Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imvukira za zone Buyenzi zirashima imigambi Umukuru w’igihugu afitiye igisagara ca Bujumbura

xwsdImvukira za zone Buyenzi zirashima imigambi Umukuru w’igihugu afitiye igisagara ca Bujumbura mu myaka 2 iri imbere. Iyo migambi nayo, ngo ishingiye ahanini kugutsimbataza amahoro n’umutekano kuko ngo karahara mu ruganda ntibacura, ata mahoro n’umutekano, nta terambere rishoboka. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu mubonano Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yahaye abaserukiye imvukira za zone Buyenzi, ku wa 12 Ndamukiza 2017, aho bari baje gushimira Umukuru w’igihugu ku migambi afitiye igisagara ca Bujumbura muri rusangi na zone ya Buyenzi irimwo. Nk’uko uwashikirije ijambo izo mvukira za zone ya Buyenzi, Ramadhan Nkurikiye yabandanije avuga, ngo bari baje gushimira Umukuru w’igihugu ku migambi myiza yo gutsimbataza amahoro n’umutekano afitiye igisagara ca Bujumbura mu myaka 2 iri imbere. Iyo migambi Umukuru w’igihugu yayishikirije mu ngendo aherutse kugira mu makomine agize igisagara ca Bujumbura. Intumbero ngo n’uko coba cateye imbere mu bisata bitandukanye, ariko ngo ivyo bizoshoboka ari uko amahoro n’umutekano bitsimbataye. Vyongeye, ngo kuva kera na rindi, abanyabuyenzi bari bafise uruhara rukomeye muri poritike y’Uburundi. Eka ngo kuva aho Umukuru w’igihugu atunganirije izo ngendo mu makomine agize igisagara, abanyabuyenzi ngo baciye bafata iya mbere mu guhuza imvukira z’iyo zone kugira bigire hamwe ukuntu boteza imbere zone ya Buyenzi n’igisagara ca Bujumbura muri rusangi. Bisubiye, ngo ni no muri iyo ntumbero batunganije umunsi mukuru wo kwiginana. Ariko ngo bashimye kuza kugaragaza umunezero bafise bongera banashimira Umukuru w’igihugu. Kabaye n’akaryo ko kumuronsa agashimwe ndetse banamwereke ko bamushigikiye mu migambi afitiye igisagara ca Bujumbura. Eka ngo abanyabuyenzi n’uko bokwiyumva ko ari abanyagihugu nk’abandi. Umukuru w’igihugu ngo basanze azi iyo zone ya Buyenzi ko ari abanyamahoro, nawe ngo akaba yarasubiriye kubemerera ko azobashigikira mu gikorwa co gutsimbataza amahoro n’umutekano.

Umukuru w’igihugu yarakiriye uwatowe nk’umwigeme mwiza kandi w’ubwenge

Inyuma yaho, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarahaye umubonano kandi uwatowe nk’umwigeme mwiza kandi w’ubwenge, Ange Bernice Ingabire aho yamutekereye impanuro kubera akarorero urundi rwaruka rw’abigeme mu kugendera imico n’akaranga vy’abarundi. Eka ngo uta akaranga ukaba utaye n’igihugu cawe, nk’uwatowe ngo abere akarorero abandi, umutahe ngo nibo nyene. Mu migambi uwo yatowe agiye kurangura, ngo ni imigambi iraba urwaruka muri rusangi, abakenyezi n’abigeme. Ku rwaruka rw’abigeme bari mu mashure, ngo agiye gufasha guhimiriza kugira birinde inda z’ishushu bakiri mu mashure mato mato n’ayisumbuye hamwe no gushigikira abana bagendana ubumuga. Tubamenyeshe ko uwo mwigeme mwiza kandi w’ubwenge yatowe ku wa 14 Myandagaro 2016, akaba yimirije kuja guhiganwa mu gihugu c’Urwanda ku wa 20 Rusama 2017, mw’ihiganwa rya « Miss Africa », ku wa 29 Mukakaro 2017, akazoba ari guhiganwa mu gihugu ca Mareziya mw’ihiganwa rya « Miss united countries ».

Déo Misigaro

        

Ouvrir