Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenguzamateka basaba Reta y’Uburundi kugiriranira amasezerano yo guhanahana abakozi n’ibindi bihugu

sssdddMu ntumbero yo gutorera umuti urama urudandaza rugayitse rw’abigeme n’abakenyezi rukorwa mu kinyegero, igihugu c’Uburundi cogiranira amaserano yo guhanahana abakozi n’ibihugu bibakeneye cane cane ibihugu vy’abarabu nka Arabie Saoudite, Oman Koweït n’ibindi. Ivyo vyavugiwe mu bikorwa vy’ Inama Nkenguzamateka vyabereye i Bujumbura ku wa 13 Ndamukiza 2017. Umutumire akaba yari umushikiranganji w’imigenderanire n’ugufashanya n’amakungu Alain-Aimé Nyamitwe. Abakenguzamateka batanguye bamenyesha ko amakuru avugwa kandi batohoje avuga ko hariho amashirahamwe akora urudandaza rugayitse rw’abantu mu Burundi na cane cane abigeme n’abakenyezi bakiri bato barungikwa mu bihugu vy’abarabu na cane cane muri Arabie Saoudite na Oman. Baribukije ko amakuru yaciye mw’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu ku wa 26 Ruhuhuma 2017, yamenyesheje ko muri ico gihe, abigeme n’abakenyezi bagera ku 824 aribo bari barajanywe mu bihugu vy’abarabu. Muri abo ngo abashoboye kugarukanwa mu Burundi n’abashika 31 gusa. Ivyo ngo bikaba vyerekana ko kugarukanwa kwabo bitoroshe na gato kandi benshi baba bipfuza gutaha kuko ngo bafashwe nabi cane muri ivyo bihugu barimwo. Ivyo vyose ngo nivyo vyatumye abakenguzamateka bipfuza kubaza ibibazo umushikiranganji w’imigenderanire n’ugufashanya n’amakungu mu ntumbero yo kuraba ingene bohagarika urwo rudandaza ruteye isoni rugirirwa abarundikazi. Ibibazo vyabajijwe bijanye cane cane no kumenya ingene urwo rudandaza rwifashe muri kino gihe, abarugira abaribo n’ibihano bahabwa, ico ubuserukikizi bw’Uburundi muri ivyo bihugu bukora kugira ngo bamenye aho abo barundikazi baherereye muri ivyo bihugu n’ico bukora kugirango batahukane ababatabaje. Abakenguzamateka barahanahanye kandi ivyiyumviro ku vyokorwa kugira ngo bahagarike burundu urwo rudandaza rw’abantu mu Burundi. Umushikiranganji Alain-Aimé Nyamitwe yaramenyesheje ko ubuserukizi bw’Uburundi muri Oman na Arabie Saoudite bukora ivyo bushobora kugira ngo bumenye abarundi bajanwa mu kinyegero muri ivyo bihugu kandi buragerageza kugarukana bamwe muri bo bavyipfuza. Vyongeye ngo bwasanze atari bose bamerewe nabi, ngo hari bamwe bafashwe neza n’ababakoresha. Ariko ngo, bivuye ku buryo buke bw’ubwo buserukizi, hari aho bidashoboka ko bushika kuri abo bantu iyo bari hose canke ngo bushobore gutahukana umwe umwe uko avyipfuje naho avyipfurije. Alain Nyamitwe yaremeye ko hari aho abarundi cane cane abarundikazi bajanwa mu bihugu vy’abarabu biciye ku rudandazwa rw’abantu kandi ko hari amashirahamwe n’abantu barukora n’aho ngo adashobora kuvuga igitigiri cabo canke ngo abadomeko urutoke. Kugira ngo Uburundi bushobore guhagarika urwo rudandaza rugayitse rw’abantu, abakenguzamateka basavye Reta kugiriranira amasezerano n’ibihugu vy’abarabu n’ibindi mbere bikeneye abakozi. Muri ico gihe abarundi borungikwa ku mugaragaro muri ivyo bihugu kandi bamaze gutegurwa neza ku bijanye n’ururimi n’akazi bazokora gutyo ubuserukizi bukazoshobora kumenya no gukurikirana umwe wese aho ari n’uwo akorera. Akeneye kwisubirira mu Burundi yokwisubirirayo ata wumubuza. Ngo ico gihe vyofasha mu gutorera umuti ibibazo vy’ubukene n’ubushomeri mu rwaruka, igihugu naco ngo cohatorera akoyokwe biciye ku banyagihugu baco bakora mu bindi bihugu. Ngo hotangwa mu mashure inyigisho zotuma abarangije amashure yisumbuye na kaminuza bashobora kwitanguriza imirimo kandi bagashobora guhiganwa mu kazi n’abandi bo mu bindi bihugu. Alain-Aimé Nyamitwe yarahamagariye inzego zitandukanye nk’ubutungane n’umutekano, gukorana kugira ngo bahane bimwe vy’akarorero amashirahamwe canke abantu bose bazosanga bakora urwo rudandaza ruteye isoni mu Burundi.

  Schola Uwanyirigira

Ouvrir