Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ngo mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’ 2017 ikigo OBR catororokanije amafaranga avuye mu makori ashika ku miriyaridi 178,6

C9SjNnRXsAAYg7bIkigo gitoza amakori OBR caratunganije ku wa 13 Ndamukiza 2017 ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira kibashikirize ibiri mu cegeranyo c’ibikorwa bikuru bikuru caranguye mu mezi atatu aheze. Umukomiseri mukuru w’ikigo OBR, Léonard Sentore yamenyesheje ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’ 2017 ikigo OBR cinjije mu kigega ca Reta amakori agera ku miriyaridi 178,6 mu gihe hari hategekanijwe ko hokwinjiye ayangana n’ imiriyaridi 170,7 vyerekana ko harenzeko imiriyaridi 7,8. Yabandanije amenyesha ko ikigo OBR igereranije n’ayari yatojwe mu mwaka uheze muri ico kiringo, basanga harenzeko imiriyaridi 28,8 bisigura ko kw’ijana hiyongeyeko ibice 19,3%. Ngo kugira ikigo OBR gishike kuri ivyo vyose, harabaye kurwanya urudandaza rwa magendo no kurya ibiturire. Sentore yaboneyeho kwibutsa ko ikigo OBR gifise inomero zitariha 500 canke 71450450 zishobora guhamagarwako mu gihe umuntu yoba abonye abakora urudandaza rwa magendo. Ngo uwutanga inkuru ashobora kuronka ibice 10% vy’amahera aba yashoboye kugarurwa nk’uko amategeko abimurekurira. Ngo ikigo OBR kirajwe ishinga n’ico abatangakori biyumvira. Ngo nico gituma cashizeho icigwa kiriko kiratunganywa kugira cerekane aho ikigo OBR gikwiye guhindura. Ngo abatangakori basabwa kwishura ku bibazo vyatororokanijwe n’ikigo OBR kugira gishobore gushira mu ngiro ivyiyumviro bikuru bikuru bizotangwa. Ngo ivyo bibazo bizoshobora gusangwa aho ikigo OBR gikorera hamwe no ku rubuga rw’ico kigo gikurikira : www.obr.bi. Sentore yamenyesheje ko ikigo OBR kizobandanya kwongerereza igitigiri c’abatangakori, kurwanya igiturire n’urudandaza rwa magendo, kuduza umwimbu w’ikigo OBR, gukwiragiza ibiro vya OBR hirya no hino mu gihugu no kwigisha no guhimiriza abatozakori.

Aline Kanyana

Ouvrir