Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CAPES+ na PISC-Burundi : Intumbero y’ibiganiro bihuza abarundi bibera i Arusha ngo itegerezwa kuroranywa n’iy’ibibera mu Burundi

DSCF0522Kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 2017 amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike CAPES+ na Pisc-Burundi yaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha aho mashirahamwe ayo   ahagaze ku bijanye n’ibiganiro bisanzwe bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya hamwe n’ikigongwe casabwe n’umufasha w’umuhuza mu biganiro vy’abarundi Binjamin Mkapa ku banyeporitike hamwe n’abandi barundi kugirango baje mu biganiro. Ayo mashirahamwe rero akaba yamenyesheje ko intumbero y’ibiganiro bihuza abarundi bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya itegerezwa kuroranywa n’iy’ ivyaberereye mu gihugu hagati, bitagenze gurtyo nta shimikiro bibapfise. Ikindi kandi yamenyesheje ngo ni uko ububasha bw‘aka karere bwashizweho n’umuryango wa E.A.C butegerezwa ahubwo kurindira icegeranyo ca nyuma c’uwo murwi ujejwe ibiganiro hagati y’abarundi ahubwo ngo ubu wokwihutira guherekeza Uburundi mu twigoro tw’ugutahukana abarundi bahunze bariko baraza ku bwinshi ngo ni imyiteguro iriko iraba y’ukwitegurira amatora yo mu 2020. Ikindi gikurikira bamenyesheje ngo ni uko ikibazo c’ikigongwe cerekerwa abarundi n’inzego z’igihugu mu ntumbero y’ukwubahiriza ukwikukira kw’Uburundi.   Ayo mashirahamwe rero akaba yamenyesheje ko mu Burundihari amahoro n’umutekano kandi n’inzara bariko baragerageza kuyirwanya mu gihugu cose na cane cane ko n’imvura isigaye iboneka mu gihugu. Ikindi kandi yamenyesheje ngo ni uko Uburundi ari igihugu cigenga kandi na wa ujejwe kuvugana ukuri n’ukurekuriranira CVR ibikorwa vyawo bigeze ku ntambwe ishimishije. Aho rero ngo ni co gituma babona ko ibiganiro bibera i Tanzaniya bitagifise ishingiro. Ikindi kandi yamenyesheje ngo ni uko ata ndwano ziriko ziraba mu gihugu ahubwo hari iterabwoba ry’inkozi z’ikibi zidasiba gukosorwa.

Christine Manirambona

 

Ouvrir