Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu gihugu c’Uburundi ngo nta ndyane za poritike zihari

C9Mz7qUXkAAOHqJIbiro vy’Umukuru w’igihugu vyaratunganije ku wa 12 Ntwarante 2017 ikiganiro hagati y’abamenyeshemakuru n’abavugizi b’inzego zimwe zimwe zigize ubuzima bw’igihugu kugira baganire ukungene poritike y’Uburundi yifashe n’ukungene bokorana neza. Abamenyeshamakuru bakaba barashatse kumenya inyishu y’ibibazo bimwe bimwe bihanze igihugu n’abanyagihugu. Ku bw’umuhanuzi mukuru ajejwe guhanahana amakuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, ngo mu Burundi nta ndyane za poritike zihari kuko inzego zose zikwiye kandi igihugu gitunganije neza. Umutekano ngo wifashe neza kuko abashaka gutembera baragenda ata nkomanzi, abaja kw’ishure baragenda, abatonda ku buzi canke abaja gusenga gutyo nyene. Ngo kubona hari ibiganiro i Arusha si uko hari agahaze ahubwo ni uko hari ivyo abanyeporitike batumvikanako, badahurizako. Ku bijanye n’inama y’umuryango w’ibihugu biri muri Afrika yo mu buseruko izoba kw’igenekerezo rya 10 Rusama 2017, Nyamitwe yamenyesheje ko Uburundi butegerezwa kuyitaba kuko buri muri uwo muryango. Yabandanije amenyesha ko ku vyerekeye ibiganiro vy’i Arusha, Reta y’Uburundi ngo ntizokwigera yicarana n’abashatse gutembagaza igihugu . Ngo Reta irashigikiye ibiganiro biriko bibera mu gihugu no hanze y’igihugu. Ngo ubu ibintu vyifashe neza kuko abarundi ataco biyagiriza bari bahunze igihugu baratanguye gutahuka. Ku vyerekeye kwugurura iradiyo Bonesha FM, Nyamitwe amenyesha ko boreka ubutungane bugakora igikorwa cabwo. Kw’iyugarwa vy’ibiro vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu, Nyamitwe yamenyesheje ko hariho ibiriko birakorwa hagati ya Reta y’Uburundi na ONU gutyo ivyo biro bikazosubira kwugururwa ari uko habayeho umwumvikano. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yamenyesheje ko abarundi nibashaka guhindura Ibwirizwa Shingiro bazorihindura, ko atawuzobabuza kuko ico abanyagihugu bashatse nico n’Imana iba ishaka amwe amwe baheza bakabigenza nk’uko no mubindi bihugu bashatse guhindura amategeko . Yabandanije amenyesha ko iyo bavuze guhindura Ibwirizwa Shingiro bumva ingingo ya 96 ijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu ariko Ibwirizwa Shingiro rirakenewe guhindugwa kugira riroranywe n’ayandi mategeko agenga umuryango wa   EAC. Ku bwa Karerwa, ngo umurwi wo kumenya ukuri n’ukurekurinira CVR ukora neza, yasavye abantu ko nibabona ibitagenda neza ko bokwitura ubutungane. Ku bijanye n’uguhagarika ivyigwa muri kaminuza y’Uburundi, Karerwa yamenyesheje ko bakoresheje uburyo butaribwo mu kwandikira Umukuru w’igihugu bamugabisha kandi hari izindi nzego bari kwitura. Ngo ubu hariko harigwa icokorwa kugira ibintu bisubire mu buryo. Ku bijanye n’inyubakwa zabomowe aho bariko barubaka ikirimba c’Umukuru w’igihugu, Karerwa yamenyesheje ko kuva mu 2009, Reta y’Uburundi yari yabujije ko ata gikorwa na kimwe corangurirwa aho hantu. Ngo ariko abantu borema, Reta iriko iriga icokorwa kugira hatorwe umuti w’abantu bashikiwe n’ingorane zo kwirukanwa muri ico kibanza. Abamenyeshamakuru barashatse kumenya kandi inyishu ku bijanye n’ivyakwiragijwe ku buhinga ngurukanabumenyi aho ngo hoba hariho ibitagenda neza mu gisirikare, bikavugwa ko abasirikare bashika 6000 boba baragiye. Aho naho umuvugizi w’igisirikare Gaspard Baratuza akaba yabeshuje iyo nkuru ko atari iy’ukuri kuko ngo nta basirikare bangana uko bogenda bafise inkoho hanyuma ngo igihugu kigume gitekanye. Ikindi naco ni ku bijanye n’uko ibimenyeshamakuru vyokora vyigenga kandi n’ibinyamakuru vyigenga bigatumirwa no mu bikorwa vya Reta canke vy’Umukuru w’igihugu. Aho naho Willy Nyamitwe akaba yamenyesheje ko habaye ukutizerana hagati y’ivyo binyamakuru hamwe n’abajejwe kubatumira kuko vyibonekeje ko abamenyeshamakuru bo mu maradio canke ibinyamakuru vyigenga iyo babatumiye mu bikorwa vy’Umukuru w’igihugu batitaba ariko ngo baba abatumirwa ntibitabe canke abadatumira bose bagiye kwikosora kugira ayo makosa ntaze asubire kwibonekeza na rimwe.

Estella Niyongere

na Aline Kanyana    

Ouvrir