Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igihugu c’Ubuswisi ngo kigiye gushigikira Inama Nkenguzamateka y’Uburundi

xcvnhKw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza Umukuru w’Inama Nkengezamateka, Réverien Ndikuriyo yarahaye umubonano abahanuzi mu buserukizi bw’igihugu c’Ubuswisi bufise icicaro i Naïrobi umurwa mukuru w’igihugu ca Kenya. Muri uwo mubonano bavuganye ahanini ibikorwa Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akora kandi bakaba babishima. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’inama Nkenguzamateka Stella Budiriganya. Nk’uko umupfasoni Stella Budiriganya yabimenyesheje inyuma y’umubonano, ngo abo bahanuzi barakurikirana ibikorwa Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akora iminsi yose. Yaravuze kandi ko bamukeza ku bikorawa vyiza arangura akongera akama hafi y’abanyagihugu. Yaramenyesheje kandi ko abo bahanuzi bavuze ko bazofata mu mugongo mu gusaba ko igihugu cabo gishigikira Inama Nkengezamateka y’Uburundi kubera ibikorwa vyiza bakora, ngo bongera babwire ico bobafasha kugira ibikorwa vyabo bibe vyiza gusumba. Yarongeye aramenyesha ko umukuru w’Inama Nkenguzamateka yabakeje ku mabanga bashinzwe,yongera abemerera ko azokwama hafi y’abanyagihugu kuko iyo akoze neza n’abanyagihugu baboneraho gukora neza .Ngo yarabakengurukiye yongera ababwira ko agiye gushiraho abahinga bokwigira hamwe ingene abaserukira igihugu c’Ubuswisi mu Burundi bofasha Inama Nkenguzamateka.

Thérèse Niyonkuru

            

                                                        

Ouvrir