Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya sida ngo birashimishije

vvvvvvbUBushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida bubicishije ku wuburamutswa Josiane Nijimbere bwarashikirije kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2017, ibikorwa vyaranguye mu mezi atatu atangurira uwu mwaka w’ 2017.

Umushikiranganji, Josiane Nijimbere akaba yamenyesheje ko ubushikiranganji arongoye batunganije inama yo ku rwego rwa Afrika y’ubuseruko (EAC) yahuje ibihugu vyo mu karere vyerekeye kwerekana ivyo ibihugu bishoboye gukora mu bijanye n’amagara y’abantu no mu rudandaza rw’imiti. Ngo barakurikiranye abarwaye indwara zikomakomeye zandukira nk’imibembe hamwe n’igituntu. Bakaba baravuye abarwaye indwara y’igituntu bashika 1970 bavuwe barakira. Ngo ubwo bushikiranganji bwarabandanije wa mugambi wo kuvura abana n’abavyeyi bibungeze ku buntu. Ngo barakurikiranye imiti yinjira mu gihugu c’Uburundi ko ari imiti imeze neza kandi ikwije ibisabwa n’amategeko. Yaravuze kandi ko bakurikiranye abarwayi mu kubaronsa abaforoma babinonosoye bongera bigisha abaforoma bashika 100 mu Burundi bakurikirana abarwayi mu mihana ku mitumba aho bari. Yarongeye aramenyesha ko barwanije ikiza c’indwara ya korera cateye mu ntara ya Cibitoke aho bakoze uko bashoboye mu kurwanya iyo ndwara akaba ata bantu bitavye Imana kubera ico kiza. Ngo baratujije indwara ya marariya aho yari imaze iminsi yibonekeza mu ntara zitandukanye. Yarongeye aramenyesha ko bashitse mu ntara za Bururi na Muramvya kugira barabe ko umugambi wo kuvyara ku rugero bawitabiriye.Umushikiranganji w’amagara y’abantu yarongeye aramenyesha ko bagize umugambi wo gukwiragiza amaraso aho bayatororkaniriza mu gihugu. Josiane Nijimbere yarongeye aramenyesha ko bagendeye amavuriro matomato haba aho bavurira amaso hashika kuri 26 bakaba basanze ahashika 17 badakwije ivyangobwa baca barahugara. Yarateye akamo abafise ayo mavuriro ko bokwiza ibisabwa n’amategeko bagaheza bakabugururira. Ngo barongeye kandi baragendera amavuriro matomato kandi ashika 21 bakaba basanze ayashika 4 adakwije ivyangobwa. Yaravuze kandi ko bagendeye amashure aramura abaforoma ashika 14 yose bakaba barayagabishije adakoze ibisabwa n’amategeko bazoyugara ahanura n’abavyeyi kutarungika abana babo muri ayo mashure. Ngo baratanze kandi uburyo kugira baronke imiti y ‘abagendana umugera wa Sida. Yarongeye aramenyesha ko babandanije guhimiriza abanyagihugu kugira bitabire umugambi w’irondoka rijanye n’amagara meza. Nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda sida yabivuze ngo bazobandanya bitaho kuraba ko imiti yinjira mu gihugu ari myiza kandi ikwije ibisabwa n’amategeko. Ngo muri aya mezi atatu baratanze imisegetera irimwo imiti yica imibu. Ngo bazobandanya kandi bitaho amagara y’abantu mu kubandanya gucandaga. Yarongeye aramenyesha ko bazobandanya bitaho abana kugirango indwara zo gufungura nabi ntizibandanye zibabangamira.

Thérèse Niyonkuru

                                                            

Ouvrir