Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambwe UPRONA wihaye intumbero yo kunywanisha abadasigana no kuzamura ubutunzi bwawo

mlopKuva komite nshasha y’umugambwe w’abadasigana UPRONA itowe ku wa 14 Myandagaro 2016 yiyemeje kugendera abadasigana babasanga mu ntara no mu makomine, ubwa kabiri kukaba kwari ukugerageza kunagura amatungo y’umugambwe no gusubiza hamwe abadasigana. Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 5 Ndamukiza 2017. Ngo baherutse rero kugendera intara zose uko ari 18 mu ntumbero yo gushira mu ngiro ihangiro rya mbere biyemeje. Muri izo ngendo kandi baboneraho gusubiza hamwe abadasigana, akaba ashima intambwe bagezeko naho bataraheza. Amenyesha ko ico kibazo gisa n’icarangiye mu ntara ya Muramvya kuko n’abari bagiye mu “mizero y’abarundi” bagarutse mu mugambwe UPRONA kandi babashigikira no mu ngendo bagize mu zindi ntara. No ku wa 8 Ndamukiza ngobakaba bategekanya kuzobonana n’abadasigana 40 bo muri komine Mbuye kugira bahanahane ivyiyumviro ku kungene bokomeza umugambwe. Ico gikorwa ngo carabaye no mu ntara ya Kayanza aho ivy’” Amizero y’abarundi” bitakivugwa, carakozwe kandi no mu ntara ya Kirundo muri komine Bwambarangwe naho nyene bikaba vyagenze neza. Yamenyesheje kandi ko biriko birakorwa no mu zindi ntara, bakaba bipfuza ko uwu mwaka uzorangira ico gikorwa caratunganijwe mu ntara zose z’igihugu. Abadasigana ngo bamenyesheje ko ubu bagiye gukorera umugambwe kubera mu matora yo mu 2015 bajuragijwe, mbere ko babona yuko uburongozi bw’umugambwe muri kino gihe bufise ishaka ryo kwegeranya no gusubiza hamwe abanywanyi b’umugambwe na cane cane bitegurire amatora yo mu mwaka w’2020 bari kumwe. Amenyesha kandi ko mu mezi 8 bamaze bakora bamaze kugaruza amatungo y’umugambwe yari yadandajwe n’abo bavuga ko izo ngendo zo mu ntara ari ugusesagura amatungo y’umugambwe. Ngo ni hamwe gusa bavuga ngo uwugutuka ntagutorera. Amenyesha ko basanze umugambwe ufise amadeni menshi, ni ukuvuga ko hari ibihengeri vyinshi kuko nko mu mwaka w’2005 bafashe ideni ry’imiriyoni 50 muri BBCI, baca basanga rigeze ku miriyoni 147 kandi batanze ingwati y’ikibanza c’ishure CFA co kw’i Jabe n’ikirimwo ingoro y’umugambwe c’i Bururi. Ibanki BBCI ica itwandikira amakete ivuga ko bagira bashire umugambwe ku rutonde rw’abakiriya batariha ; baca bitura urwego rw’umugambwe mu ntumbero yo gutorera umuti ico kibazo. Baciye bafata ingingo yo kugurisha ikibanza c’umugambwe co mu Kamenge. Bica bibafasha kuriha iryo deni ryo muri BBCI gutyo impapuro ndangatongo zo kw’ i Jabe n’iz‘ingoro y’umugambwe y’i Bururi zica ziragaruka. Ngo baragarukanye kandi ikibanza co muri zone Cibitoke abahora barongoye umugambwe bari bagurishije na Diyoseze ya Bujumbura aho bakaba bari bahagurishije imiriyoni 60 ariko ubu hakaba hari hageze ku miriyoni 115. Barumvikanye rero na Musenyeri arongoye Diyoseze ya Bujumbura bamuriha amahera nawe abasubiza impapuro ndangatongo. Yamenyesheje ko barishe n’ayandi madeni menshi yari yagiye arafatwa. Uburongozi bw’umugambwe kandi bwaciye bufata ingingo yo kwiyubakira ingoro y’inama izokwakira abantu barenga 1500, mu mezi abiri ikaba izoba yuzuye. Ngo barubakiye kandi imva y’uwahoze arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA, umuhisi Nicolas Mayugi. Baraziganije kandi n’amahera yo kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020. Abavuga ivyo rero ngo ni abahora bibaza ko umugambwe UPRONA uri ku Mugumya gusa, bibuka kwegera abanywanyi b’umugambwe hageze amatora gusa. Abanyamugabwe baduga muri izo nama nabo ngo bikora ku buryo bwabo kandi ngo kera abanywanyi ntibatanga intererano ariko ubu uwo wese afise ico umugambwe wamuhaye atanga ic’icumi c’umushahara wiwe. Abipfuza gukorera umugambwe ngo ni baze barangurire imigambi hamwe bareke kwidogera mu bimenyeshamakuru bavuga ivyo batazi. Ivyo uburongozi bw’umugambwe bukora ngo bubikorera ku mugaragaro kugira umugambwe wisubize umutamana. Abel Gashatsi amenyesha ko ikibazo co gusubiza hamwe abadasigana atari ikibazo coroshe ariko ngo arabonana n’abo bose bahoze mu mugambwe ubu bagiye ahandi na cane cane mu runani rw’”amizero y’ abarundi”. Iyo bariko baraganira ngo nta n’umwe atemera ko basubiza hamwe ariko boba batinya abo basize inyuma, naho biri uko ngo ntibazohengeshanya kubarondera. Amenyesha ko hari n’abavuga icese ko no mu matora yo mu mwaka w’2020 bazoba bari kumwe na Agathon Rwasa , abo babona ko urukiza rwabo ari ukwiheka kuri Rwasa ngo bogomba bakigumira iyo bari. Amenyesha kandi ko ata ntambamyi bafise mu burongozi bw’umugambwe kiretse iz’uburyo bwo kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020. Inzego zose z’umugambwe ngo zikorana neza kuko mu bihe biheze abatowe ngo barongore umugambwe batamara n’indwi zibiri induru zitaraduka kubera kudakorera ku mugaragaro.

Epitace Nduwayo  

    

Ouvrir