Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ngo kuva ikigo OBM gishingwa, haramaze kuboneka akarusho mu bijanye n’ugucungera ubutare

IMG5Abantu bose bashaka gukorera mugisata c’ubutare n’agataka bategerezwa kuja mu makoperative. Ivyo vyavuzwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gukurikirana ibikorwa vy’ubutare n’agataka OBM, Jean Claude Nduwayo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Yabandanije amenyesha ko iyo ikoperative ikeneye kwimba ubutare yandikira ikete umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka n’amasoko ntanganguvu. Iyo ikoperative yemerewe gucukura ubutare naho niho ikigo OBM gica gikurikirana ibikorwa vy’ikoperative yemerewe gucukura ubutare gushika iburonke, ibushore ,mu bibanza bizwi bita amakontware. Ngo amakontware niyo yemerewe gushora ubutare hanze gusa. Ngo imbere y’uko ubutare buva aho bwimbiwe, OBM niyo ishirako ikimenyetso cerekana ko ubutare   buzwi, igashirako n’aho buvuye. Ngo hageze ko bushorwa hanze, OBM irasubira gushirako ikimenyetso kugira bazomenye ko bwavuye mu Burundi, hakamenyekana na kontware bwavuyeko. Nduwayo yamenyesheje ko ikigo OBM gikurikirana ko amahera ubutare bugurishijweko hanze agaruka mu Burundi. Ku bijanye n’agataka, yabandanije amenyesha ko umuntu ashobora gufyatura amatafari canke gukura amabuye makeyi mw’itongo ryiwe ataco atanga. Ariko rero amenyesha ko amakoperative kugira atangure gukorera muvy’ubutare n’agataka arariha amahera asabwa bivanye n’ubwoko bw’agataka canke bw’ubutare aba ashaka gucukura. Nduwayo yamenyesheje ko amashirahamwe manini manini yubaka amabarabara asaba impusha kandi arinda kugira ivyigwa bijanye n’ukuraba ukungene isi imeze n’ibizohakorerwa hanyuma bakiyemeza ko aho hantu azohasubiza uko yahasanze, ko azohatera ibiti kugira ntihahave haba inkukura canke ihindagurika ry’ibihe. Nduwayo yamenyesheje ko kugira ubutare bucungerwe neza, bureke gushorwa hanze mu kinyegero, ikigo OBM kirakorana n’abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane n’abanyagihugu. Ngo kuva ikigo OBM gitanguye gukora muri Gitugutu 2016, hariho akarusho mu bijanye n’icungerwa ry’icukurwa n’ishorwa ry’ubutare n’agataka. Ngo ubwa mbere ubuyobozi bukuru bwo mu bushikiranganji bujejwe ubutare n’agataka n’amasoko ntanganguvu bwari busanzwe bukurikirana ubutare n’agataka ntibwari bufise ubwigenge ugasanga bica bibugora gukurikirana ibibera mu gihugu cose , uko bashatse kugira ingendo ntibazigira, ariko kuva ikigo OBM gitanguye gukora muri Gitugutu 2016, hariho akarusho mu bijanye n’icungerwa ry’icukurwa n’ishorwa ry’ubutare n’agataka. Nduwayo yamenyesheje ko biboneka neza ko ibiharuro vy’umwimbu bimaze kwiyongera haba mu butare canke mu makoperative amaze gushingwa. Yabandanije amenyesha ko yizera ko ku mpera z’umwaka hazoba habonetse ibiharuro vy’umwimbu bishimishije. Ngo mu nteguro, ikigo OBM kizoshinga ibisata mu burere no mu ntara ariko mu ntango hazobanza gushingwa uburere 5 : akarere ku mu buraruko, mu burengero, mu bumanuko, mu buseruko n’ako hagati mu gihugu. Ngo ivyo bizotuma abakozi ba OBM bashobora kuguma bakurikirana ibiriko biraba ku rubuga. Ngo bizokworoha abakozi ba OBM bariko bararaba ibiriko birabera aho bari kandi n’abanyagihugu bazokworoherwa kubera batazoguma bamanuka iyo bakeneye ikintu muri OBM.

Aline Kanyana

Ouvrir