Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nkenguzamateka : Integuro z’amabwirizwa agenga isubirwamwo ry’amatagisi atozwa ku bifungurwa biva hanze ya EAC yaremejwe

xscssAbakenguzamateka baremeje integuro y’ibwirizwa risubiramwo amabwirizwa agenga itozwa ry’amatagisi ku bidandanzwa biva hanze y’akarere k’ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, irishiraho amatagisi nyongeragaciro n’irigenga amatagisi y’ibidandazwa vyinjira mu Burundi. Ivyo vyabaye mu nama ya bose y’abakenguzamateka yatunganijwe ku wa 5 Ndamukiza 2017. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Révérien Ndikuriyo ni we yari arongoye ibikorwa vy’iyo nama ya bose. Amaze guha ikaze abakenguzamateka n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo yaciye amusaba gushikiriza imvo n’imvano y’isubirwamwo ry’ayo mabwirizwa. Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo yamenyesheje ko haciye igihe ibirere bihindagurika maze umwimbu mu gihugu ugashishikara uba muke. Ivyo rero ngo vyatumye Reta ifata ingingo yo kworohereza abenegihugu kugira ngo basume mu buryo butavuna kuko ibiciro vy’ibifungurwa bimwe bimwe ku masoko vyaciye biduga ibiciro kandi amikoro y’abenegihugu ari mato cane. Ngo rero Reta yafashe ingingo yo gukuraho amatagisi atozwa ku bifungurwa bimwe bimwe bivuye hanze kugira ngo biboneke mu gihugu maze abenegihugu babironke bitazimvye cane. Ivyo ariko ngo ntibizomara igihe kinini mu ntumbero yo kubuza ko hari aboca bikika mu kiza akaba ari bo bunguka maze umwenegihugu ntihagire ico bimwungura. Ngo Reta izogenda ikurikiranira hafi ico iyo ngingo iriko irazanira umwenegihugu. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo yaciye aha ijambo umukuru w’umurwi w’Inama Nkenguzamateka wamaho ujejwe gukurikirana ibibazo vy’ubutunzi, ibidukikigje n’uburyo Reta ikoresha, Immaculée Ndabaneze kugira ngo ashikirize ico umurwi arongoye washitseko mu vyigwa wagize kugira ngo iryo bwirizwa risubirwemwo. Muri ico cegeranyo nk’uko Immaculée Ndabaneze yabishikirije ngo uwo murwi wakoranye n’umushikiranganji aho washoboye kumubaza amafaranga yoba yarinjiye mu kigega ca Reta mu myaka itatu iheze hakurikijwe itegeko inomero 1/22 ryo ku wa 26 Rusama 2006. Aha ngo umushikiranganji yaciye atanga uturonde rw’ingene ayo mafaranga yabonetse hisunzwe urutonde rw’ibifungurwa rwafatiweko. Ikindi barondeye kumenya ni agahombo gashobora kuzoca kaboneka mu gihe ayo matagisi akuweho mu mwaka w’2017. Aha umushikiranganji yishuye ko hazoba agahombo kangana ibice 8 kw’ijana vy’amafaranga ategekanijwe kwinjira mu kigega ca Reta. Ngo ico kinogo kizokuzuzwa n’izindi ngingo zerekeye itozwa ry’amatagisi n’amakori zizogenda zirafatwa. Abakenguzamateka uko bari bitavye ibikorwa vy’uwo munsi bagiye bemeza ibwirizwa rimwe rimwe inyuma y’uko umurwi wamaho ujejwe ibibazo vy’ubutunzi, ibidukikije wagenda ushikiriza icegeranyo cawo kw’ibwirizwa rimwe rimwe ryose. Integuro y’ibwirizwa risubiramwo ibwirizwa rigenga amatagisi atangwa ku bidandanzwa bivuye hanze y’akarere karimwo ibihugu biri mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko ryemejwe n’abakenguzamateka 36 ; iyigenga isubirwamwo ry’ibwirizwa rigenga amatagisi nyongera gaciro n’amatagisi y’ibidandazwa vyinjira mu gihugu yatowe n’abashingamateka 38. Inyuma y’ivyo bikorwa abaserukira imirwi ibiri y’abakenguzamateka bagize ingendo kwirabira ibiriko birarangurwa mu gisata FONIC n’ishure ry’imyuga ryubatswe n’abashinwa mu Kigobe barashikirije ivyegeranyo vy’izo ngendo ahanini biboneka ko abakenguzamateka bashimye kuzotumako abashikiranganji bakurikirana ivyo bisata kugira ngo bishure ku bibazo vyabo mu ntumbero yo gutanga ivyiyumviro vyokwisungwa mu kurangura imirimo muri ivyo bisata.

Nathan Ntahondi

 

Ouvrir