Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imyaka 23 iraheze Prezida Cyprien Ntaryamira yitavye Imana mw’isanganya ry’indege mu Rwanda : Abarundi basabwa kugiriranira amasezerano n’Imana kugira ngo babone ibihe vyiza

xwcsKw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2017, mu mihingo yose y’igihugu haratunganijwe ibirori vyo kwibuka umuhisi Prezida Cyprien Ntaryamira yitavye Inama mw’isanganya ry’indege mu gihugu c’Urwanda, hari ku wa 6 Ndamukiza 1994. Ibirori nyamukuru bikaba vyabereye mu gisagara ca Bujumbura, aho vyari vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe. N’abandi banyacubahiro benshi bakaba bari bitavye ivyo birori. Ivyo birori rero vyatanguriye ku nkuka y’imisa yaherejwe n’Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura,Musenyeri Evariste Ngoyagoye muri Cathédral Regina Mundi,aho yasavye abarundi kugiriranira amasezerano n’Imana kugira ngo babone ibihe vyiza. Musenyeri Evariste Ngoyagoye yamenyesheje ko kubona abarundi bama bibuka uko umwaka utashe incungu z’igihugu n’abarundi benshi bagiye bahitanwa n’ubuwicanyi ari uko hariho ivyizigiro ko abapfuye bazozuka. Ngo ni ico gituma abarundi bakwiye kugiriranira isezerano n’Imana kugira ngo baze babone ibihe vyiza. Yagarutse ku vyabaye ku bantu ba kera bavugwa muri Bibiriya bagiriraniye amasezerano n’Imana. Ngo Imana yaragiriraniye isezerano na Ibrahimu maze uwo nawe yabaye rurangiranwa kw’isi. Ngo Yezu yabwiye abigishwa biwe yuko uwuzogumya amajambo yiwe atazokwigera apfa. Ngo abavyumvise ntivyabatanganje gusa ahubwo ngo baranavyanse. Ngo bamubwiye ko ivyo avuze atari vyo ahubwo bamwise ko ari ishetani. Nk’uko Musenyeri Evariste Ngoyagoye yashishikaye abisigura ngo iyo umuntu batanguye kumwita ishetani ngo ibintu biba bigeze kure. Ngo haba hasigaye ko bamutera amabuye. Abarundi rero ngo iyo bataba bemera ko abapfuye bazozuka ntibaba bama bibuka ababo bapfuye. Niko gusaba abarundi bose uhereye ku ndogozi z’igihugu n’abarundi bose kwama barondera kugiranira amasezerano n’Imana kugira ngo babone amahoro mu mitima yabo. Ngo mu gihe c’i Karema co gutegura umunsi wa Pasika ngo bikenewe ko haba ugutegura imitima mu gutanga imbabazi, ukwicisha bugufi no kwirega. Ibirori vy’uwo munsi vyabandinirije ku ntatemwa y’umuhisi Cyprien Ntaryamira iri mu ngoro yitiriwe uwa mbere Munyonyo. Aho naho niho hashikiririjwe ivyaranze ubuzima bw’ umuhisi Ntaryamira Cyprien. Haciye hakurikira ugushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe eka mbere n’izabashikiranganji, Simbizi Cyriaque na Ciza Bernard baguye hamwe muri iryo sanganya ry’indege. Prezida NKURUNZIZA yari kumwe n’umutambukanyi wiwe akaba ariwe yatanguye gushira urugori rw’amashurwe kuri iyo ntatemwa. Haciye hakurikira abaserukiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umuryango w’umuhisi Cyprien Ntaryamira, abakuru b’imigambwe uhereye ku baseruye umugambwe CNDD-FDD, Uprona n’iyindi. Ivyo birori vyasozerewe no gutega yompi ijambo ryashikirijwe na Cyprien Ntaryamira igihe yashikira ubutegetsi. Iryo na ryo ryari ryerekeye kugarukana amahoro mu gihugu. Ico gihe yasaba abarundi kwubahana. Ku bwa Cyprien Ntaryamira ngo abahutu, abatutsi n’abatwa bose ni abana b’igihugu bategerezwa gukingirwa kumwe ata kuvangura. Yari yiyemeje kugarukana ubwitonzi mu nzego zose z’igihugu.

Nathan Ntahondi

Ouvrir