Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi : Abarundi basabwa kwisuzuma ingeso zabo baheze basubire ku Mana

DSC 0033ggggAbarundi basabwe kwisuzuma, basarangure ingeso zabo, gutyo bagaruke ku Mana. Eka ngo bakwiye kwihana ivyaha, ubwiyorobetsi, ubusuma, ubusambanyi, n’izindi ngeso mbi zose. Muri ico gihe, ngo ivyo bazosaba bazoheza babironke. Izo ni zimwe mu nyigisho zatanzwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA, ku wa 2 Ndamukiza 2017, mu misa yo guhimbaza Imana mu rushengero rw’urutare rw’i Buye, imisa yari yitambwe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA.Nk’uko umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza afatiye ku vyanditse mu gitabu co gucura intimba, ikigabane ca 3, umurongo wa 40, abarundi yabateye akamo ko kwihana bagaruke ku Mana. Muri ico gihe, ngo inzuzi z’ubugingo zizodudubiza mu barundi. Mu gihe, amezi atatu atangura umwaka yarangiye, ngo ni akaryo keza ko kwisuzuma barabe ivyo batahuye mu nyigisho baronse muri ico kiringo cose. Eka ngo abarundi bakwiye kwiha ikibazo co mu mutima, bakisuzuma, bagasarangura ingeso zabo muri ico kiringo c’amezi atatu aheze. Mu gihe abarundi binjira mu mashengero bacafuye, ngo nivyo bituma ibitangaza bidakoreka. Ariko ngo nibigarura bakihana, bakiyeza, ngo ivyo bakeneye bazobironka. Abarundi rero baterwa akamo ko kwihana kubera ngo atawuzi umunsi n’isaha, ngo nivyiza kwihana bakiri bazima. Eka ngo umuntu yihana agihumeka, na kare ngo umuntu niwe yisabira imbabazi akiri muzima. Muri Zaburi ya 50 naho, ngo ico Imana ivuze iragishitsa. Umuntu wese ari mu bikorwa bitagororotse, ngo Imana irateba ikamugaragaza. Eka ngo twihisha amaso y’abana b’abantu, ariko Imana yoyo ivyo turimwo vyose iba ibibona. Mu migani igice ca 29, ngo ibicumuro vyose birangana imbere y’Imana, nta gitoya nta gikuru. Imana ngo ni umuvyeyi, ntigihaniraho,kuko Yezu yaratanze ikiguzi. Kuri ivyo, ngo kwihana rero ni uwu musi Imana itaratugaragaza kubera ivyaha vyacu. Mw’ibaruwa Paulo yandikiye abakorinto, aravuga neza ko ari twe two kwisuzuma kubera ko ari twebwe nyene tuzi ivyo dukora, ariko ngo Imana yoyo irabizi. Ivyaha ngo nivyo bituma dusoma ijambo ry’Imana ntituritahure. Mu gitabu ca Yoweli igice ca 2 umurongo w’12, haranditswe ko dukwiye kwisonzesha kugira duhebe ivyaha vyanse ko duheba. Imana ngo ni munyakigongwe, uwugiye ayigana iramubabarira, eka ngo ibiganza vyayo vyama vyuguruye. N’umwana w’icangazi yarisuzumye arigaya araheza aragaruka kandi ngo yarakiriwe. Vyongeye kubera imbabazi zayo, ngo twigaruye itwakira uko turi kwose, na none ngo amaherezo y’inzira ni mu nzu. Mu cete canditswe na Yohani igice ca 21, kuva ku murongo w’8 gushika ku w’9, aravuga ko kwatura ivyaha imbere y’Imana uba uriko uravavanura na shetani, kuko ngo uba usa n’uwuyimeneye ibanga. Muri Matayo igice ca 26, umurongo wa 20, haranditse ukuntu Yuda yagurishije umwana w’Imana amadenariyo 30. Yuda amaze kubona uko bariko barafata Yezu, yarageze ahantu ngo aricuza ataco agikiza, aho yahavuye asubiza y’amadenariyo. Icigwa twokuramwo rero ngo ni uko twokwihana, twimenye uko turi ngo ntituzoheza ngo dutsindwe n’urubanza.

Déo Misigaro

        

Ouvrir