Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ngo abanyeshure batera umudugararo muri kaminuza y’Uburundi bazohanwa hisunzwe amategeko ayigenga

CAM00116 mmmmmUmuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, Gaspard Banyankimbona amenyesha ko abanyeshure bariko batera uruhagarara muri kaminuza y’Uburundi bazohanwa hisunzwe amategeko ayigenga. Mbere anasaba abanyeshure cane cane bo mu mwaka wa mbere kudafata inzira mbi yo guhagarika ivyigwa kuko ngo ingaruka z’iyo ngendo igayitse bazozibona. Asaba abigisha bose ba kaminuza kwitaba imirimo yabo uko bisanzwa kuko ngo ivyigwa bitazohagararara. Ivyo yabishikirije kuwa 3 Ndamukiza 2017, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu biro vyiwe. Ico kiganiro cabaye inyuma y’aho bamwe mu baserukira abanyeshure ba kaminuza barungikiye urwandiko Umukuru w’igihugu bamenyesha ko bazohagarika ivyigwa mu gihe itegeko inomero 100/18 ryo ku wa mbere Ruhuhuma riraba ivyo gutanga imfashanyo ku banyeshure ba kaminuza ritofutwa. Muri ico kiganiro Gaspard Banyankimbona arongoye kaminuza y’Uburundi yibukije ko inyuma y’aho hasohowe itegeko inomero 100/18 ryo ku wa mbere Ruhuhuma 2017 riraba ivyo gutanga agafashanyo ku bagomba kwiga ngo haciye haboneka icuka kitameze neza mu banyeshure ba kaminuza y’uburundi ngo n’abandi banyeshure bo mu yandi makaminuza ya Reta. Ngo uburongozi bumaze kubona iryo tegeko bwaciye burirungikira abo vyega bose harimwo n’abanyeshure. Ngo mu nyuma yaho abarongoye ibisata muri kaminuza n’abayobozi bose baciye bakorana kugira ngo hafatwe ingingo zotuma ico cuka kibi kihava. Ngo urwo rwego rwaciye rwiyemeza gusigurira abanyeshure bimwe bimwe biri muri iryo tegeko. Ngo uwuserukira abanyeshure yaciye yandikira uburongozi bwa kaminuza kugira ngo butange insiguro yerekeye iryo tegeko. Ngo itariki 24 Ntwarante 2017 ngo hari abiyitiriye abaserukira abanyeshure ba kaminuza baciye bandikira Umukuru w’igihugu bamenyesha ko bagiye gutegura imyiyerekano. Ariko ngo vyaragaraye ko urwo rwandiko rwarimwo amahinyu menshi. Gaspard Banyankimbona yavuze ko benshi mubasinye kuri iryo kete batari bazi ibiri muri iryo kete. Ngo barahenzwe. Ngo amazina amwe ntagira imikono uretse ko bashirako inomero za terefone, abandi nabo bagasinyirwa n’abandi. Eka mbere ngo hari n’abanyeshure basanze ivyo bakorewe atawe babitumye kuko hakoreshejwe ibikumu vyabereye mu yindi nama. Umukuru wa kaminuza Gaspard Banyankimbona muri ico kiganiro yamenyesheje ko hazokorwa amatohoza kugira ngo uwagiriwe n’icaha ahanwe hakurikijwe amategeko agenga kaminuza. Ikindi rero uwo muyobozi yavuze ngo abanyeshure bo mu myaka ya mbere ni bo bariko barahendwa. Niko kubasaba ko batojana nyabahururu. Ku bwa Gaspard Banyankimbona avuga ko muri kaminuza hari imirwi itatu y’abanyeshure. Ngo hari abasanzwe bataronswa ako gafashanyo ariko bo ngo bagira bati «nimba ako gafashanyo kodushikira nibakaduhe» ngo hari umurwi ugira kabiri urimwo abaronka agafashanyo ariko bataba muri kaminuza. Ngo kubera ubuzima buzimvye ubu ngo nabo nyene babona iyo mfashanyo hari ico yosahiriza kuri bo. Ngo hari umurwi ugira gatatu ari wo ugizwe n’abanyeshure baronka ako gafashanyo kandi bakaba mu ndaro abo rero ngo ni bo baterekwa iyo mfashanyo ije muri ubwo buryo. Abo rero ngo bashika hafi ibihumbi bitatu kandi biroroshe kubakoresha kuko baba hafi na hafi. Ariko rero ngo abo banyeshure ntibohagarika inyungu z’abanyeshure ba kaminuza bose barenga hafi ibihumbi mirongo ine. Abamenyeshamakuru baciye babaza ibibazo. Bashatse kumenya nimba abo banyeshure ataboba bariko barabakoresha.Eka mbere baribajije nimba uwerekanye ko atari muri ivyo baca bamureka. Hari ngo n’abandi bafashwe n’igisata c’iperereza nimba batoba bafashwe kubera izo imvo. Aha umukuru wa kaminuza Gaspard Banyankimbona yishuye ko atavyo yoca amenye ko hari aboba bariko barabakoresha. Ariko rero ngo abanyeshure baza muri kaminuza bose barenza imyaka cumi n’umunani ngo umwe wese ashobora guhanirwa icaha yakoze ku giti ciwe. Ngo uwerekanye ko atari muri vyo ntaco baramuvugako kuko bisaba gutohoza neza. Ngo aboba barafashwe n’iperereza si kaminuza yabikoze kuko ata busho bwategekanijwe muri kaminuza. Eka mbere ngo kuba umunyeshure wa kaminuza afatwa agapfungwa ngo ntivyoba bibaye ubwa mbere ngo na kera ivyo vyamyeho aho mu gihe abanyeshure baba bariko barakurikirana ivyigwa abandi baba bapfunzwe.

Nathan Ntahondi

Ouvrir