Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Akaranga k’intwaramiheto ngo kagereranywa n’igitinyiro c’intambwe

wwwwpoUmukuru w’igihugu,Petero NKURUNZIZA amenyesha ko akaranga k’intwaramiheto kagereranywa n’igitinyiro c’intambwe.Ivyo yabishikirije mu cigwa yashikirije mw’ishure kaminuza ry’intwaramiheto ISCAM, ku wa 7 Ndamukiza 2017, mu bikorwa vyari bijanye n’indwi ubumenyi n’imico kama mw’ishure kaminuza ISCAM. Prezida NKURUNZIZA, akaba yararonse akaryo ko kwibutsa intwaramiheto z’Uburundi ko zisabwa gukomeza umuryango narirya ariwo bagize muri urwo rwego. Ico kigo ngo ni umuryango kuko ngo abashaka gusambura canke kugirira nabi igihugu bahera ku miryango. Izo nyigisho zatunganijwe ku civugo nyamukuru kivuga kiti: « Winjira mu kibira utazi, ugaca inkoni utazi ». Nk’uko umuvugizi w’igisirikare, koroneri Gaspard Baratuza yabandanije abishiriza, ngo abasirikare bagize umuryango, ngo bategerezwa kuwushigikira, kuwukorera ku buryo ata kintu coza kiwusenyura. Ikindi ngo ku bijanye n’akaranga k’umusirikare, ngo ufatiye ku vyambarwa vyiwe na cane cane ku nkofero aho hariko umutwe w’intambwe, abasirikare ngo ni intare, bategerezwa kugira umutima nk’uw’intare no kubaho nk’intare. Intare rero ngo ntinuranura, igendera mu zindi ntare ndetse ngo aho iba nta tundi dukoko duto duto tuza kuharunguruka. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA akaba yavuyeho abemereye ko mu kwezi kwa Ruheshi azoja kuremesha ikindi kiganiro kijanye n’intahe yo kwikukira, kukaba nkako, ngo urwo rwego nirwo shimikiro y’intahe yo kwikukira. Tubamenyeshe ko yasozereye urugendo mw’ishure kaminuza ry’intwazangabo mu gisirikare atera igiti, ikimenyetso c’uko yifatanije nabo mu ndwi yahariwe ubumenyi n’imico kama.

Igisirikare cubatse neza gishingira ku nyigisho zikwiye ku ntwazangabo

Igisirikare cubatse neza gitegerezwa gushingira ku nyigisho zibereye, akaba ari muri iyo ntumbero kaminuza ya gisirikare ISCAM ngo ihamagariwe kwigisha intwazangabo zishoboye kurangura imirimo yose zishinzwe mu gisirikare c’Uburundi. Ivyo vyamenyeshejwe n’Umukuru w’ingabo z’Uburundi Liyetena jenerari Prime Niyongabo ku wa 3 Ndamukiza 2017 mu birori vyo kwugurura icese indwi yahariwe ishure kaminuza Iscam. Yarongeye amenyesha ko mu bisirikare vyose vyo kw’isi intwazangabo itegerezwa kurangwa n’indero, gukunda igihugu, kwubaha abamukurira, kutagira aho ahengamiye muvya poritike, gukora yumvikana n’abo bari kumwe hamwe no kwubahiriza agateka ka zina muntu n’ibindi mu ntumbero yo kubera akarorero keza abo ajejwe gutegeka. Ngo nico gituma ata ntwazangabo n’imwe irekuriwe kuyoberwa ayo mateka ku rugero urwo arirwo rwose afise. Ngo intwazangabo rero zitegerezwa kwamiza ku muzirikanyi ko igisirikare c’Uburundi kizokomera koko mu gihe hari ubwiyunge mu gisirikare kandi ari naho kizosayangana mu makungu. Ibiganiro vyashikirijwe muri iyo ndwi ngo vyatowe mu ntumbero yo gufasha igisirikare c’Uburundi kuba ic’ igihugu koko. Umukuru w’ishure kaminuza Iscam nawe, Grégoire Ndorarigonya yamenyesheje ko igisirikare c’Uburundi ngo gitegerezwa kwubahiriza ubwiyunge hagati yaco, kutagira aho cegamiye mu vya poritike hamwe no kurangura imirimo kijejwe kitaravye nkunzi nk’uko biri mu ngingo y’256 y’Ibwirizwa Shingiro. Yarongeye amenyesha ko icivugo c’uwu mwaka ari: «Ukutagira aho cegamiye mu vya poritike niyo nyifato ngenderwako ku gisirikare cose kigomba gukorera igihugu no ku neza y’abanyagihugu ». Ico civugo ngo catowe baravye intumbero y’iryo shure kaminuza ISCAM yo guharanira ubuntu, ubwigenge mu vya poritike bibereye abantu bategurirwa kuzorongora abandi no gukingira imbibe z’igihugu nk’uko biri mu ngingo y’253 y’Ibwirizwa Shingiro. Naho biri uko ngo abari mu nzego z’umutekano barafise uburenganzira bwo kuronswa ubumenyi ku vyerekeye ubuzima bw’igihugu mu vyo imibano na poritike no kuronswa inyigisho zo gukunda igihugu. Ngo muri iyo ntumbero ubuyobozi bwa Iscam bufadikanije n’ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu bwaratanze inyigisho zo gukunda igihugu kuva ku wa 5 gushika ku wa 7 Kigarama 2016 aho muri Iscam. Muri iyo ndwi rero ngo hararmeshejwe ibiganiro bitandukanye hamwe n’inkino hagati y’abanyeshure bo muri Iscam hamwe n’izindi zabahuje n’imigwi yo haze nko mu mupira w’amaguru aho bahuye n’umurwi wo muri zone Musaga ,komine Muha. Ibirori bikaba vyarangiye ku munsi wa gatandatu hatanzwe n’udushimwe ku bababaye aba mbere. Arashima kubona iryo shure ribayeho haraheze imyaka 42 rimaze gusohora intwazangabo 1.800. Mu mwaka uheze naho ngo ryakiriye abanyeshure bashika 109 bo mu murwi wa 47, mbere rikaba ryakira n’abanyeshure baturuka mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko kuva mu mwaka w’2012 kandi uwo mugambi ukaba uzobandanya. Bisubiye ngo iyo kaminuza iriko irakurikiza ukugene inyigisho zitunganijwe mu zindi kaminuza ku vyerekeye impapuro z’umutsindo za BMD. Aho agashimira indongozi mu gisirikare zashizeho umuwi wo kuraba ukugene ibwirizwa ryo ku wa 30 Kigarama 2011 ritunganya ukundi gusha inyigisho muri kaminuza ryoshirwa mu ngiro.

Epitace Nduwayo

na Déo Misigaro

                                                                                                            

Ouvrir