Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abadandaza basabwa gukora ibishoboka vyose kugira umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo bigiye kwimburwa hamwe n’ikawa ntuherere mu bihugu vyo mu karere. Eka ngo bokwirinda no gukora urudandazwa rudaciye mu mategeko kubera ababikora vyerekana ko badafise umutima

loiutAbakozi bajejwe gutunganya ibigo vyo gusoma no gutsimbataza imico kama (Clac) basabwa guhimiriza no gukundisha abanyagihugu ivyo bigo. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama Jean Bosco Hitimana igihe bari baramutse basozera inyigisho nkarishabwenge bari bamazemwo iminsi mu ntara na komine ya Gitega. Hari kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2017. Nk’uko umushiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama yabimenyesheje mw’ijambo ryiwe, ngo intumbero y’izo nyigisho kwari ugukarihiriza ubwenge abakozi bose bajejwe ivyo bigo, kubahimiriza no guhimiriza abakozi bose guhindura ingendo mu gukunda ibikorwa no kwitaho imirimo bajejwe y’igihugu, gutanga ivyegeranyo vy’ukuri vy’irangurwa ry’ibikorwa vyabo ku gihe gitegekanijwe n’amategeko, gukunda igihugu biciye mu kugikorera. Yaranamenyesheje ko muri uwo mwanya w’izo nyigisho kabaye akaryo keza ku bazikurikiranye kuko bahakuye ubumenyi butandukanye buzobashoboza kurangura imirimo yabo kurusha uko bahora. Yasavye abaronse izo nyigisho kuzoshira mu ngiro impanuro bahawe mu guhimiriza no gukunda abanyagihugu ivyo bigo kuko bazohakura ubumenyi butari buke bikazogirira akamaro igihugu. Ikindi yamenyesheje ngo ni uko uwo mugambi wo guhimiriza abakozi kugira ngo bahindure ingendo uterekeye ubwo bushikiranganji gusa ariko ko abakozi bose bo mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu batewe akamo ko kwiyamiririza ingendo ivuga ngo Reta iguhenda ko iguhemba nawe ukayihenda ko uriko urakora. Umwe wese rero ngo harageze ko ahindura inyifato akabona ko atezwa imbere n’ibikorwa akora, ivyo navyo ngo bigashoboka igihe umuntu wese akunze akazi akora kandi akagakora neza. Yaheraheje asaba abari bahejeje kuronka izo nyigisho guhindura ingendo kugira abandi bazobafatireko akarorero keza yongera ashimira abatanze izo nyigisho n’abazikurikiye bose. Kuri uwo munsi nyene kabaye n’akaryo keza ku barongoye ibigo vy’iyandikiro ry’ibinyamakuru Burundi eco iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (PPB), bemeye kugiriranira amasezerano yo gufashanya n’ikigo Cebulac ko gushikiriza amajambo ku bijanye n’ingene bagiye gukorana. Nk’uko umuyobozi mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru Ubumwe na Renouveau Louis Kamwenubusa yabimenyesheje, ngo mu kigo ajejwe, mu makuru bandika harimwo ibijanye n’inkino, imico kama n’indero, ivyo navyo bikazobafasha kuko ari navyo bifasha urwaruka. Yarongeye amenyesha ko hambavu yaho ivyo binyamakuru vyahora bishikira n’ico kigo kigiye kubironka atamafaranga batanze ariko ko nk’igihe ibintu vyogenda neza muri ico kigo (Cebulac) bokwibuka bakabafasha nabo mu buryo ubwo ari bwo bwose. Ikindi catumye bagiriranira ayo masezerano ngo ni uko mu bihe biheze abantu bagiye bararonka amakuru atariyo ari naco gituma bashatse amakuru asanzwe yandikwa n’ico kinyamakuru ashikira abantu biciye mu bushikiranganji gutyo babone amakuru atuma biteza imbere, urwaruka narwo rugakunda imico kama. Icatumye ubwo bucuti rero ngo ni ukugira ayo makuru aronke abantu benshi bashoboka. Louis Kamwenubusa yaranamenyesheje ko bibabaje ku kuntu usanga ibinyamakuru bisanzwe bitangwa mu makomine ariko ugasanga vyuzuyeko ibitangurirwa n’iyindi micafu bivuye ku kuntu bidasomwa, aca asaba ko ivyo binyamakuru vyoja ahantu hari abipfuza kubisoma bakeneye amakuru. Yarongeye asaba guhimiriza abo barongoye na cane cane aho bizoshikira ko abantu basoma ivyo binyamakuru bobifata neza kuko ari amakuru yerekana iterambere, imico kama, inkino, hamwe n’ibivuga ubuzima bw’igihugu, ivyo navyo ngo bigafasha urwaruka kubona ico rwokora. Ngo hambavu y’ivyo binyamakuru Ubumwe na Renouveau barafise n’ahantu hari ibitabu vyanditse amakuru yabaye kuva kera hamwe n’ayariko araba ubu, aca yongera asaba umushikiranganji ko yorungika abayobozi bakaza bakicarana bakaraba ico bofashanya kugira batezanye imbere bongere bafashe n’abandi bantu kwiteza imbere, amakuru agashika hanini kandi atari ibihuha. Umuyobozi w’ikigo Cebulac nawe Jean Bosco Nzigamiye nawe yarashimiye abo bayobozi b’ivyo binyamakuru, yongera avuga ko ico kigo cahora gikoresha amafaranga angana n’imiriyoni 11 kugirango bashobore gutanga ivyo binyamakuru, ivyo rero ngo bikazotuma bibaremurira mu buryo bwahora bukoreshwa n’ico kigo. Yaranamenyesheje ko bagiye gukoresha ubuhinga bugezweho mu bijanye no gutanga inkuru. Twobamenyesha kandi ko kw’igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2017 komine Gitega yatanze inyubakwa kugira ngo ikigo ca clac gishobore gukora muri iyo komine. Bakaba baciye bagirako baha imfunguruzo z’iyo nyubakwa umushikiranganji w’inkino n’imico kama baca bongera bahakorera ibikorwa rusangi kugira bahasukure.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir