Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi : Abavyeyi bahamagariwe gushira abana bakwije imyaka yo kwiga mu mashure

esdzUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ahamagarira abavyeyi gushira mw’ishure umwana wese akwije imyaka yo kwiga muri kino gihe amashure ariko arubakwa ku mitumba itandukanye y’igihugu. Ivyo ngo bizotuma bashobora kwitunga kubera urupapuro rw’umutsindo yarugereranije n’itongo ngendanwa.Ako kamo yagateye ku muhingamo wo ku wa 3 Ndamukiza 2017, aho yari yagiye kwifatanya n’abanyagihugu bo ku mutumba Kivumu, zone Cindonyi, muri komine Marangara, intara ya Ngozi mu bikorwa vy’iterambere vyo kwubaka isoko ya kijambere ifise ibibanza 131 gucururizamwo. Nk’uko Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza, ngo ibikorwa vy’iterambere bishoka mu gihe amahoro n’umutekano bisasagaye. Kuri ivyo, yateye akamo abanyagihugu bo muri komine Marangara ko kubungabunga amahoro n’umutekano. Mu gihe komine Marangara ngo iri inyuma mw’iterambere, yaboneyeho akaryo ko kubakeza kw’isoko ya kijambere bariko bariyubakira. Umukuru w’igihugu akaba yarabamenyesheje ko atazohengeshanya kubashigikira mu bikorwa nk’ivyo vy’iterambere mu kubaronsa amabati. Mu ntumbero yo kwiteza imbere, yabasavye gukorera mu makoperative, badandaze ibintu bitandukanye. Ivyo ngo bizotuma iterambere rinyaruka ku buryo amafaranga azova kuri umwe aja ku wundi kubera bazoba bacuruza ibidandazwa bidasa. Igishasha, ngo ahazoja isoko, hazoca hashirwa ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana, ivyo bikazotuma ubusuma butuzwa kubera ko amafaranga badandaje bazoca bayabitsa aho nyene. Mu gihe amashure ariko arubakwa ku bwinshi, Umukuru w’igihugu yateye akamo abavyeyi ko kwijukira kujana abana mu mashure, gutyo bitegurire kazoza kubera urupapuro rw’umutsindo ruzoba ari nk’itongo ngendanwa. Yarongeye abatera akamo ko kuvyara ku rugero, abo bashoboye kurera, kuvuza no gufungurira na Reta ishoboye gufasha. Vyongeye, muri kino gihe isi ndimwa yatitutse, yabasavye kwijukira gukingira ibidukikije, imisozi yose bayitereko ibiti, aho bishoboka bahatere ivyamwa. Mu myonga, yabateye akamo ko kurwiza amatuta y’ivyamwa kubera bishobora kubafasha mu gihe c’inzara. Prezida NKURUNZIZA avuye aho ku mutumba Kivumu, yaruguruye icese ishure nshingiro ryo ku mutumba Gicumbi, zone Giheta rigizwe n’amasomero 9 ryubatswe ku mfashanyo y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibibondo UNICEF. Ku mutumba Runda, Umukuru w’igihugu yarifatanije n’abanyagihugu baho mu bikorwa vyo gucanga umusenyi n’isima vyo kwubaka ishure nshingiro rifise amasomero atandatu. Muri komine Gashikanwa, Umukuru w’igihugu ariko araganuka, yararonkeje umuririmvyi azwi kw’izina rya Rasta Nyandwi igitari c’ikizungu kubera mu kazi kiwe ko gucuraranga yahora akoresha igitari yabaje mu biti. Uwo muririmvyi yarashimye iyo ngabire izomufasha gukora umwuga wiwe yorohewe.

Déo Misigaro

  

Ouvrir