Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igiturire na magendo ngo bigiye guhagurukirwa birwanywe

DSC 0040Igiturire na magendo ngo biri mu bintu vyica igihugu kuko ubikwirikiranije biva mu gisata kimwe bikaja mu kindi. Ivyo rero ngo ni ibintu bigiye guhagurukirwa n’amategeko mu kiringo c’ukwezi, ngo ashobora kuzoba yahindutse kugira uwufashwe muri ayomakosa aheze acirwe urubanza. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu nama Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yagiranye n’abakozi bakuru bakuru bo mu rwego rw’ubutungane, umutekano, kwivuna abansi, abo mu ntwaro mu gihugu hagati, abajejwe igendereza n’abo muri sentare ijejwe kurwanya igiturire bo mu ntara zitanu,arizo: Kayanza, Ngozi, Kirundo, Muyinga na Cankuzo, ku wa 31 Ntwarante 2017, ku murwa mukuru wa komine Gashikanwa, mu ntara ya Ngozi. Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yabimenyesheje inyuma y’iyo nama, ngo Uburundi bwarateye intambwe muri iyi myaka itatu, ni ukuvuga mu mwaka w’2015, uw’2016 hamwe n’uwu turimwo. Ivyo rero ngo bikabonekera ku kuntu amafaranga ariko arakoreshwa ari ayatozwa mu gihugu hagati ata mfashanyo. Nk’abarongoye abandi, Umukuru w’igihugu yabasavye gukomeza uwo murindi amafaranga atozwa abandanye yiyongera. Ivyo ngo vyashitsweko kubera akageso ko kurya igiturire na magendo vyarwanijwe. Abo barongozi bakaba bavuye ngaho bihaye intumbero yo kurwanya ako karanda, na cane cane mu bisata vy’ubutare, imiti, ibifungurwa hamwe n’abanyuruza amafaranga y’igihugu. Abo bantu ngo bagiye guhagurukirwa barwanywe. Ndetse ubu ngo uwo wese azofatwa muri ayo makosa, ntakumwihanganira, ico yise « tolérance zéro à la corruption ». Vyongeye, ngo n’amategeko agiye guhindurwa, mu kiringo c’ukwezi kugira uwuzofatwa azoce acirwa urumukwiye. Mu rwego rw’ubutungane, ngo hari ingingo yafashwe n’umwe muribo, ngo ntihoba kuvuguruzanya bitabonetse neza aho vyaturutse. Aho bagatanga akarorero ngo k’ikamyo yafatiwe mu Kirundo itwaye mandarine zivuye mu Rumonge, ngo ariko ku mpapuro z’inzira zerekana ko itagiye kure, igiye mu gisagara ca Bujumbura. Abo bantu bagize uruhara mu bintu nk’ivyo ngo bofatwa gute ? Mu gisata c’ubutare, baragarutse kuri bwa butare bwa « Coltan », aho abasuma b’ubwo butare bafatiwe mu Kayanza bacirwa urubanza, ariko bungururije urubanza mu ntara ya Ngozi bakambikwa izera. N’abaciye urwo rubanza mu ntara ya Ngozi bari bafashwe ngo ubu bashobora kuba bidegemvya. Aho kuri ico kibazo, umushikiranganji w’ubutungane yamenyesheje ko abo bantu n’aho bashobora kuba bararekuwe ata kintu na kimwe co mu rwego rw’ubutungane bashobora gukora mu Burundi kubera batacizewe n’abanyagihugu. Muri iyo nama nyene, baragarutse ku bijanye no kugarukira imico n’akaranga vy’abarundi « moralisation de la société », nk’indongozi zo ku rwego rwo hejuru, ngo bakwiye gutunganiriza ababagana. Mu kibano naho, ngo kubona bageze aho bari uno munsi, ngo hari ababafashije kugira bagere kuri iyo ntambwe, bafashe barya babafashije kugera aho bageze, na kare ngo urukwavu rurakura rukonka abana. Mu buzi butandukanye, ngo bijukire gushimira abakora neza, abakora nabi nabo bahanwe. Ngo rero imbere yo gufata ingingo babanze kuzihweza neza, kubera ko bari mu bantu bafata ingingo zikomeye. Kuri ivyo vyo kugarukira imico kama, basabwa ko vyobonekera mu nyambaro, imvugo n’ingendo bibe koko ibiranga umurundi, intumbero ngo ni uko twese ivyo twobibona kumwe. Uwo mugambi wo kugarukira imico kama watanguriye mu gisagara ca Bujumbura ukazokwira igihugu cose.

  Déo Misigaro

Ouvrir