Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikigo ISTEEBU caragize itohoza rigira 3 kw’irwirirana ry’abantu rifatiye ku magara y’abantu

DSC 0813mmmUMUYOBOZI mukuru w’ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro bijanye n’iterambere ISTEEBU, Nicolas Ndayishimiye amenyesha ko ico kigo giheruka kwegeranya ivyiyumviro mu banyagihugu kugira gitange ibiharuro vy’ukuri ku vyerekeye irwirirana ry’abantu rifatiye ku magara y’abantu. Ivyo akaba yabivuze mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Uwo muyobozi yamenyesheje ko ikiyo ingorane z’umutekano muke igihugu gihitiyemwo zitaba, iryo tohoza riba ryakozwe mu mwaka w’ 2015 mu ntumbero yo kwerekana ukungene amagara yifashe mu migambi y’ikimpumbi OMD. Ngo ivyo biharuro bizokwerekana ivyakozwe mu gisata c’amagara y’abantu naho bitanguye bitevye, vyongere vyerekane urugero imigambi y’iterambere rirama itanguriyeko. Ndayishimiye yamenyesheje ko iryo tohoza ryagizwe ku ngo zingana n’18200 zo mu gihugu cose kandi ibiharuro bizovamwo bizotuma haboneka urugero ibiharuro vy’ irwirirana rifatiye ku magara y’abantu ku ntara no ku gihugu bigezeko. Yabandanije amenyesha ko irwirirana rifatiye ku magara y’abantu rigira 3 rizokwerekana urugero ihohoterwa rifatiye ku gitsina rigezeko. Ngo ibiharuro mfatakibanza bizoboneka muri Rusama 2017 nayo ibiharuro vya nyuma bizoboneka muri Gitugutu 2017 bitevye muri Munyonyo 2017 kubera ibipimo vy’indwara ya Sida bitaraboneka. Ngo ku vyerekeye amatohoza ajanye n’indwara ya SIDA, imbere yuko amaraso y’abantu bagizweko amatohoza bayajana aho bayapima, babanza gukuraho ikintu cose cotuma umuntu amenya ati uwu ni naka yari muri iri tohoza. Ngo iryo tohoza riba uko imyaka 5 iheze kandi ivyo biharuro bikoreshwa mu gufata ingingo. Ngo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burarindiriye ibiva mw’itohoza kw’irwirirana rifatiye ku magara y’abantu rigira 3 kugira bushobore gushiraho umugambi ugira 2 ujanye n’uguteza imbere amagara meza. Mwomenya ko iryo tohoza kw’irwirirana ry’abantu rifatiye ku magara y’abantu rigira 3 rizotwara amafaranga y’amarundi. angana n’imiriyaridi 5.

Aline Kanyana

 

Ouvrir