Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abo Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryizera rikabashinga amabanga basabwa gushingira intahe ukuri ku Burundi

cfgjjkkUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yarahaye umubonano umukuru w’umurwi ujejwe ibibazo vy’Uburundi mu gisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kijejwe gutsimbataza amahoro, Jürg Lauber kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante 2017. Inyuma y’uwo mubonano icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yaramenyesheje ko Umukuru w’igihugu yakeje uwo mushitsi n’abo vyagendanye kuko muri kino gihe bariko baritwararika ibibazo biraba Uburundi. Prezida NKURUNZIZA ngo yarababwiye ko hariho ibintu vyihutirwa Uburundi buriko burakora n’ibindi bintu biboneka Uburundi bumaze gushikako mu bijanye n’umutekano. Ngo yarababwiye kandi ko hariho ingorane zijanye n’ibifungurwa bidakwiye ariko ko Reta iriko ikora ibishoboka vyose kugira izikure mu nzira. Ngo Prezida NKURUNZIZA yarababwiye ukuntu Uburundi bukorana n’amakungu kuva Uburundi bwikukiye, ngo barakoranye ibitari bike hakaba hari ivyo amakungu yafashije n’ibindi atafashije baravye kahise k’Uburundi aho abantu bagiye barapfa amakungu agahora ariko ngo abarundi baragiye mu biganiro intambara irahagarara kandi ngo bageze ku ntambwe ya nyuma kugira haherahezwe cane cane ibijanye n’ukumenya ukuri no kunywanisha abarundi bitunganijwe n’umurwi ubijejwe CVR. Umukuru w’igihugu ngo yabasavye ko bofasha kugira abakivuga ko mu Burundi hariho ihonyabwoko bave i buzimu baje i buntu, bashire imbere ukuri. Ngo yarabamenyesheje kandi ko ku vyerekeye ukubana n’ayandi makungu ubu biriko bigenda neza nayo abantu bakoreye ku nkuru zitari zo ngo bakaba baragarutse mu gihugu kuko amahoro ariho. Jurg Lauber nawe ngo akaba yaciye amenyesha ko bazogerageza ibishoboka vyose bakegera Reta n’abandi bafashanya n’Uburundi, bakagira inama nyinshi kugira barabe ukuntu bokorana neza n’Uburundi kurusha uko bimeze ubu.

Intererano y’ihuriro ry’abakenyezi ngo ni ntangere mu guhanura urwaruka

Inyuma y’uwo mubonano Prezida NKURUNZIZA yaciye yakira abagize ibiro vy’ihuriro ry’abakenyezi. Inyuma yawo, uwurongoye ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi, Jamvière Ndirahisha akaba yamenyesheje ko intumbero y’uwo mubonano kwari ukumuramutsa, Umukuru w’igihugu nawe ngo yarabakeje ku vyo baciyemwo muri iyi myaka 2 iheze kuko ihuriro ry’abakenyezi ryakoze ibintu vyinshi mu bijanye no guhanura urwaruka rwahora rwihereza amabarabara ngo rubone ko kuja mw’ibarabara ata ciza bizobazanira. Ikindi baganiriye ngo ni uko hari abakenyezi benshi mu gihugu bakoze ibintu vyinshi hanyuma bamwe ntibamenyekane canke ntibashobore kuvyigisha urwaruka kandi ariko kazoza k’ejo. Ngo baraganiriye n’ukuntu borondera mu gihugu intererano y’ivyiyumviro vy’abakenyezi baba abahurikiye mw’ihuriro ry’abakenyezi mu Burundi n’abandi batoba baririmwo kugira bahanahane ivyiyumviro barabe uko bategerezwa kubaho. Mu Burundi ngo bategerezwa gushiraho umurwi w’abakenyezi bakurikirana ibikorwa vya minsi yose mu butandukane bwabo no mu ntara zitandukanye kuko abakenyezi ari benshi bashobora guteza imbere igihugu. Ngo baganiriye kandi n’ibijanye n’indero y’abana iriko iratituka. Mu ndero abavyeyi ngo baradebukiwe kuko nabo nyene hakiriho abadatanga akarorero keza mu bijanye n’inyambaro ngo n’abana usanga badaheza ngo bambare neza bikwije kugira baze bashike kuri kazoza keza kandi gateza imbere igihugu

Evelyne Niyonzima

Ouvrir